1 Nuk’ umwami amaze kwinjira ingoro yiwe, Uhoraho amuhaye impore hagati y’abansi biwe bose bamukikije,
Bukeye Hiramu umwami w’i Tiro atuma intumwa kuri Dawidi, arungika n’ibiti vy’amasederi n’ ababāji n’abubatsi, bubakira Dawidi ingoro.
Maze Mikali umukobga wa Sauli ntiyabona akana arinda apfa.
nko mu bihe yaha abacamanza kuganza abantu biwe b’Abisirayeli; uti Kand’ azoguha impore hagati y’abansi bawe bose. Uti Mber’ Uhoraho arakubariye yukw azokugira igisata.
Ut’ Ariko we, Uhoraho Imana yiwe amuhaye impore impande zose; uti Nta murwanizi nta n’agakakaza.
Maz’ ahamagara umuhungu wiwe Salomo, amubarira kuzokwubakira ingoro Uhoraho Imana y’ Abisirayeli.
Aramubarira, ati Mwana wanje, nari mbisanganywe mu mutima kuzokwubakira ingoro izina ry’Uhoraho Imana yanje.
Maz’ umwami Dawidi arahaguruka, aravuga, ati Ni muntege amatwi, bagenzi banje kandi bantu banje; nari mbisanganywe mu mutima kuzokwubakira isandugu y’isezerano ry’Uhoraho ingoro y’uburuhukiro, ngw iz’ ibēre Imana yacu indava y’ah’ ishira ibirenge; kandi nari niteguye kwubaka.
Kandi yubaka i Buyuda ibisagara bizitijwe inzitiro z’amabuye, kuko hār’ impore mu gihugu, kandi mur’ iyo myaka nta ntambara yarwanye, kuk’ Uhoraho yar’ amuhaye umutēkāno.
Nukw igihugu ca Yehoshafati kigira impore, kukw Imana yiwe yar’ imuhaye umutēkāno impande zose.
Ntararonkera Uhoraho ikibanza, Ntararonkera Inyenkomezi ya Yakobo aho kuba.
Ndagukunda, Uhoraho we, ni wewe nkomezi zanje.
Inzira z’umuntu iyo zihimbaye Uhoraho Atuma n’abansi biwe buzura na we.
Uwo mwanya uwahawe italanto zitanu aragenda arazicurūza, yungukamw’ izindi talanto zitanu.
Kandi Dawidi aronka ubutoni mu nyonga z’Imana, asaba kwubakira Imana ya Yakobo aho kuba.
Uhoraho abaha impore impande zose, nk’uko yarahiye ba sekuruza muri vyose; nta muntu n’umwe mu bansi babo yigeze kubahagarara imbere, arik’ Uhoraho yagenda agabura abansi babo bose mu maboko yabo.
Hashize igihe kirekire, Uhoraho ahaye Abisirayeli impore, abakijije abansi babo bose bari babakikije; kandi Yosuwa yar’ ashaje, ageze mu zabukuru;