9 Uwo musi Dawidi aca aterwa ubgoba n’Uhoraho; aravuga, ati Mbeg’ isandugu y’Uhoraho vyoshoboka bite kw iza i wanje?
Bibabaza Dawidi k’ Uhoraho yahwikiye Uza; aho hantu haca hitwa Peresi‐uza, kugeza na bugingo n’ubu.
Ariko se, n’ivy’ ukuri Imana yoza kuba mur’ iyi si? Rāba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse!
Umubiri wanje uhindishwa agashitsi no kugutinya; Kandi ntinya imanza zawe.
Maze ndavuga, nti Mbonye ibara, ndapfuye; kuko nd’ umunyaminwa yanduye, kandi mba hagati y’ubgoko bufise iminwa yanduye; kukw amaso yanje abonye Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo.
ndatinya, ndagenda mpisha italanto yawe mu kuzimu: ehe ngibi ivyawe.
nk’uko Sara yumvira Aburahamu, akamwita umwami wiwe; namwe mur’ abana b’uwo, ni mwahora mukora neza, mudaterwa ubgoba n’icobaca ivutu.
Abo bantu b’i Beti‐shemeshi baravuga, bati Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’Uhoraho, iyi Mana yera? Mbega none yodūga hehe, kugira ngw ituvemwo?