6 Maze bashitse ku mbuga ya Nakoni, Uza atuma ukuboko ngw asame isandugu y’Imana, kukw inka zari zitirimutse.
Bashika ku mbuga y’igosorero yo muri Atadi, hāri hakurya ya Yorodani: baborogeray’ amaborogo menshi cane y’akabonge: Yosefu ashinga ko bahamara imisi ndwi bagandariye se.
Maze bashitse ku mbuga ya Kidoni, Uza atuma ukuboko ngw asame iyo sandugu, kukw inka zari zitirimutse.
Maze Aroni n’abana biwe ni baheza gutwikira ivy’ Ahēra n’ibintu vyaho vyose, igihe hageze guhaguruka ngo mugende, hanyuma aba Kohati babone kuza kubirerura; ariko ntibaze bakore ku vyēra, kuko bopfa. Ivyo ni vyo aba Kohati bagerewe kurerura vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro.
at’ Ubgoko bg’aba Kohati, ukw imiryango yabgo iri, ntimukaburanduze ngo bukūrwe mu Balewi;