Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 6:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Dawidi n’umuryango wose w’Abisirayeli bagenda biyereka biginagura, bar’ imbere y’Uhoraho, bavuza inanga n’amakembe n’ udushako tw’ingoma n’imiduri n’ivyitwa matowazi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 6:5
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko noneho nzanira umuvuzi w’inanga. Uwo muvuzi w’inanga ashitse, atanguye kuvuza, ukuboko kw’Uhoraho kuza kuri Elisa;


Dawidi n’Abisirayeli bose bagenda biyereka biginagura, bar’ imbere y’Imana, baririmba, bavuza inanga n’amakembe n’udushāko tw’ingoma n’ ivyitwa matowazi n’inzumbete.


Uko ni kw Abisirayeli bose bādūganye isandugu y’isezerano ry’Uhoraho basēsereza impundu, bavuza inzamba n’inzumbete n’ivyitwa matowazi, bavuza cane n’amakembe n’inanga.


Nuko bashika i Yerusalemu bavuza amakembe n’ inanga n’inzumbete, bashika ku ngoro y’Uhoraho.


Imana idūze mu mpundu, Uhoraho adūze mu majwi y’ inzamba.


washizeh’ icagezwe, mugenzi, kivuga ng’ Umuntu wese ni yumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri na sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuzwa, ace yikubita hasi asenge ico gishushanyo c’izahabu;


Nuko noneho ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri na sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, mukemera kwikubita hasi mugasenga igishushanyo nakoze, bizoba ari vyiza; ariko ni mutagisenga, muca mutererwa mw itanure ry’umuriro uhinda; mbeg’ imana yobakiza mu maboko yanje yoba iyihe?


ngo Ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri n’ivyitwa sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuzwa, muce mwikubita hasi musenge iki gishushanyo c’izahabu umwami Nebukadineza yahagaritse;


Maz’ abantu bose bumvise amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, amoko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bose, ako kanya baca bikubita hasi basenga ico gishushanyo c’izahabu umwami Nebukadineza yari yāhagaritse.


Nkūra urwamo rw’indirimbo zanyu mu matwi, kuko ntagomba kwumva guhibongoza kw’inanga zanyu.


bavugira inanga mu bijandajando, bakībāzira ivyo kuvuza, nka Dawidi;


Hanyuma urashika ku musozi w’ Imana, ahar’ iboma y’Abafilisitiya; ni washika mur’ ico gisagara, uja guhūra n’agakama k’abavugishwa n’Imana bamanuka bavuye ahēra ho ku mpinga y’umusozi, bafise amakembe n’udushāko tw’ingoma n’imyironge n’inanga bigenda biravugira imbere yabo; uja gusanga bariko baravugishwa n’Imana.


Enda se databuja, n’udutume twebge abasavyi bawe duhagaze hano, tuje kukuronderera umuntu w’ umuhinga azi gucuraranga inanga; maz’ iyo mpwemu mbi irungitswe n’Imana iy’ igufashe, az’ agucurarangire, ukire.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ