Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 6:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Mbere nzorushiriza kwigira inkēngērwa, mbe ūgayitse mu maso yawe; arikw abo bakobga abo uvuze, bo bazonyubaha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 6:22
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Izo mbabazi zose wagiriye umusavyi wawe, n’ukuntu utampemukiye, sinari mbereye kugirirwa na bikeya; kuko najabutse Yorodani uru nitwaje akoho gusa, none nahindutse imice ibiri.


Dawidi yishura Mikali, at’ Uhoraho ni we nariko ndiyereka, kandi ni we yantoranije kuruta so n’ab’ inzu yiwe bose, akangira segaba w’abantu biwe b’Abisirayeli. Ni co kizotuma niyereka Uhoraho.


Maze Mikali umukobga wa Sauli ntiyabona akana arinda apfa.


ati Rāba ndi nta kimazi: nokwishura iki? Nifashe ku munwa.


Ni co kinteye kwizinukwa, nkihana Nigaragura mu mukungugu no mu munyota.


Uhoraho, umutima wanje ntiwibona, kand’ amaso yanje ntiyishira hejuru; Kandi sinishira mu vyo ntagezwemwo, Canke mu bitangaza bindengeye.


Abankubita nabategeye ibitugu, n’imisaya ndayitegera abammomora ubganwa; kandi mu maso hanje sinahakinjishije gutēterezwa no gucirwakw amate.


Yemwe abazi ivy’ ukugororoka, ihanga rifise ivyagezwe vyanje mu mitima yanyu, ni munyumve: ntimugatinye ibitutsi vy’abantu, canke ngo murandurwe imitima n’ ugucokora kwabo.


Petero akiri mu rugo ahahera hepfo, haza umwe mu ncoreke z’umuherezi mukuru,


Iri jambo n’iryo kwizerwa, rikwiye kwemerwa rwose, yuko Kristo Yesu yazanywe mw isi no gukiza abanyavyaha: muri bo jewe nd’agahebuza.


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


Iyo mututswe muhōwe izina rya Kristo, muba muhiriwe: kuko Mpwemu w’ubgiza, ari we Mpwemu w’Imana, aba kuri mwebge.


Nuko mwicishe bugufi muri musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi, kugira ngw iz’ ibashire hejuru mu gihe gikwiye.


Ni co gitumye Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, avuga, ngo N’ukuri yari yaravuze yukw ab’ inzu yawe n’ab’ inzu ya sogokuruza bazokwama bamugendako bar’ imbere yiwe ibihe vyose; ariko noneh’ Uhoraho agize ngo Biragahera; ngo Kukw abamwubaha ari bo azokwubaha, arikw abamukēngēra bazokēngērwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ