Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 6:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Dawidi na we asubira i we ngw ahezagire abo mu rugo rwiwe. Maze Mikali umukobga wa Sauli asohoka gusanganira Dawidi, aramubarira, at’ Ereg’ uyu musi umwami w’Abisirayeli yar’ agahore! Urabona ukuntu wikijije impuzu imbere y’ubukobga bushumbiye abantu bawe, nk’umuntu yabaye vyenywe azīkiza ata dusoni!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 6:20
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kukw ari we nahisemwo kugira ngw aze yihanikirize abana biwe n’ab’ inzu yiwe bazokwaruka hanyuma, ngo bakomeze inzira yanje, bakore ibiroranye n’ibigororotse; kugira ngo jewe Uhoraho nshitse kuri Aburahamu ivyo namuvuzeko.


Maze Dawidi yiyerekera imbere y’Uhoraho yiginagura; kandi yar’ akenyeye efodi yera derere.


Maz’ isandugu y’Uhoraho igitamaje ku murwa wa Dawidi, Mikali umukobga wa Sauli arungurukira mw idirisha, abona umwami Dawidi yitera hejuru, yiyerekera imbere y’Uhoraho; amugayira mu mutima.


Nuko Dawidi amaze kwosa ikimazi no gutanga ibimazi vy’ishimwe, ahezagira abantu mw izina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo.


Maz’ agaburira abantu bose bo mur’ iryo shengero ryose ry’Abisirayeli, abagabo n’abagore, umwe‐umwe amuha umutsima n’inkekera y’inyama n’akarobe kabumbabumbge mu nzabibu zumye. Maz’ abantu bose barataha, umuntu wese asubira i we.


Maz’ abantu bose barataha, umuntu wese asubira i we; Dawidi na we asubira i we ngw ahezagire abo mu nzu yiwe.


N’abana b’ibipfapfa, mbere n’abana ba ba nyarucari; Bābaye ibicibga mu gihugu.


Nzokwitondera kugendera mu nzira itunganye: Uzoza aho ndi ryari? Nzokwama ngendana mu nzu yanje umutima utunganye.


Uhoraho ndaguhimbaza kuko wankūye hasi, Ntukunde kw abansi banje banyitamba hejuru.


Ntube n’umunyavyaha arengeje urugero, kandi ntube igipfu: n’iki cotuma ukenyuka igihe cawe kitarashika?


Petero akiri mu rugo ahahera hepfo, haza umwe mu ncoreke z’umuherezi mukuru,


Ab’i wabo bavyumvise barasohoka ngo baje kumufata, kuko bāgira ngo Yasaze.


Nukw ashika kuri Simoni Petero, na we aramubaza, ati Mugenzi, ni wewe unyoza ibirenge?


Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’ imana z’Abamori ben’ iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho.


Bamuha intete z’ifeza mirongwirindwi bakūye mu ngoro ya Bayali‐beriti; Abimeleki azihēra abantu b’imburakimazi kandi b’inshirukanya, bāgendana na we.


Abahungu ba Sauli bāri Yonatani na Ishivi na Malikishuwa, kand’ abakobga biwe bompi, umukuru yari Merabu, umutoyi yari Mikali.


Hanyuma Mikali umukobga wa Sauli agomwa Dawidi; babibgira Sauli, arabishima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ