2 Samweli 6:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)19 Maz’ agaburira abantu bose bo mur’ iryo shengero ryose ry’Abisirayeli, abagabo n’abagore, umwe‐umwe amuha umutsima n’inkekera y’inyama n’akarobe kabumbabumbge mu nzabibu zumye. Maz’ abantu bose barataha, umuntu wese asubira i we. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Dawidi na we asubira i we ngw ahezagire abo mu rugo rwiwe. Maze Mikali umukobga wa Sauli asohoka gusanganira Dawidi, aramubarira, at’ Ereg’ uyu musi umwami w’Abisirayeli yar’ agahore! Urabona ukuntu wikijije impuzu imbere y’ubukobga bushumbiye abantu bawe, nk’umuntu yabaye vyenywe azīkiza ata dusoni!
Ariko segaba az’ abe ari we atanga ibimazi vyo kwoswa, n’amashikanwa y’amafu, n’amashikanwa y’ibiturire, mu misi mikuru no mu mboneko z’ukwezi no ku masabato, no mu misi mikuru yose yashingiwe ab’ inzu ya Isirayeli: az’ atange ikimazi gitangirwa ivyaha, n’ishikanwa ry’ amafu, n’ibimazi vyo kwoswa, n’ibimazi vy’ishimwe, kugira ngw atangire impongano inzu ya Isirayeli.