Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 6:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Maz’ agaburira abantu bose bo mur’ iryo shengero ryose ry’Abisirayeli, abagabo n’abagore, umwe‐umwe amuha umutsima n’inkekera y’inyama n’akarobe kabumbabumbge mu nzabibu zumye. Maz’ abantu bose barataha, umuntu wese asubira i we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 6:19
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Dawidi amaze kwosa ikimazi no gutanga ibimazi vy’ishimwe, ahezagira abantu mw izina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo.


Dawidi na we asubira i we ngw ahezagire abo mu rugo rwiwe. Maze Mikali umukobga wa Sauli asohoka gusanganira Dawidi, aramubarira, at’ Ereg’ uyu musi umwami w’Abisirayeli yar’ agahore! Urabona ukuntu wikijije impuzu imbere y’ubukobga bushumbiye abantu bawe, nk’umuntu yabaye vyenywe azīkiza ata dusoni!


Ku musi ugira umunani w’ iyinga rya kabiri umwami asezera abantu, baramuhezagira, basubira i wabo banezerewe, bahimbawe mu mitima yabo kubg’ ivyiza vyose Uhoraho yagiriye umusavyi wiwe Dawidi n’abantu biwe b’Abisirayeli.


Maz’ agaburira abantu bose b’ Abisirayeli, abagabo n’abagore, umwe‐umwe amuha umutsima n’ inkekera y’inyama n’akarobe kabumbabumbge mu nzabibu zumye.


Maz’ abantu bose barataha, umuntu wese asubira i we; Dawidi na we asubira i we ngw ahezagire abo mu nzu yiwe.


Kuko Hezekiya umwami w’Abayuda yari yahaye iryo koraniro amamasa igihumbi n’intama ibihumbi ndwi vyo gutanga kw ibimazi, abaganwa na bo bariha amamasa igihumbi nyene, n’intama ibihumbi cumi; nukw abaherezi benshi bariyeza.


Maze ku musi ugira mirongwibiri na gatatu wo mu kwezi kw’indwi asēzera abantu, abarungika i wabo; nuko bataha banezerewe, bahimbawe mu mitima yabo kubg’ ivyiza Uhoraho yagiriye Dawidi na Salomo n’abantu biwe b’Abisirayeli.


Maze Nehemiya arababgira, ati Ni mutahe muje kurya inyama zinuze, munywe n’ibisosa, n’abatagira ico bafise mubarungikire, kuk’ uyu musi werejwe Uhoraho; ntimubabare, kuk’ umunezero w’Uhoraho ari zo nkomezi zanyu.


Ni mumpēmbūze udutore tw’ inzabibu, mundabūze amacungwa, Kuk’ urukundo runshābije.


Ariko segaba az’ abe ari we atanga ibimazi vyo kwoswa, n’amashikanwa y’amafu, n’amashikanwa y’ibiturire, mu misi mikuru no mu mboneko z’ukwezi no ku masabato, no mu misi mikuru yose yashingiwe ab’ inzu ya Isirayeli: az’ atange ikimazi gitangirwa ivyaha, n’ishikanwa ry’ amafu, n’ibimazi vyo kwoswa, n’ibimazi vy’ishimwe, kugira ngw atangire impongano inzu ya Isirayeli.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Subira ugende, ukunde wa mugore akundwa n’umwūzure wiwe, kandi w’umusambanyikazi, nk’uk’ Uhoraho nkunda Abisirayeli, naho bo bāhindukiriye izindi mana, bagakunda uturobe tubumbabumbge mu nzabibu zumye.


Nabahaye akarorero muri vyose, yuko mu butame nk’ubgo, ari ko mukwiye gufasha abadakomeye, no kwibuka amajambo y’Umwami Yesu, ingen’ ubgiwe yavuze, ati Gutanga kuzana umugisha, kuruta guhabga.


Ni co gituma ivuga, iti Yaradūze, aja iyo hejuru, ajanye iminyago, Agabira abantu ingabire.


Nuko Yosuwa arabahezagira, arabasezera, barītāhira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ