18 Nuko Dawidi amaze kwosa ikimazi no gutanga ibimazi vy’ishimwe, ahezagira abantu mw izina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo.
Ahezagira Aburamu, at’ Uragahabga umugisha n’Imana Isumba vyose, Nyen’ ijuru n’isi:
Maz’ agaburira abantu bose bo mur’ iryo shengero ryose ry’Abisirayeli, abagabo n’abagore, umwe‐umwe amuha umutsima n’inkekera y’inyama n’akarobe kabumbabumbge mu nzabibu zumye. Maz’ abantu bose barataha, umuntu wese asubira i we.
Maz’ umwami arahindukira, ahezagira ikoraniro ryose ry’Abisirayeli; kand’ iryo koraniro ryose ryari rihagaze.
Maz’ aravuga, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, yashikije n’ukuboko kwiwe ivyo yavuze n’akanwa kiwe, abarira data Dawidi,
Arahagarara, asabira ikoraniro ryose ry’Abisirayeli umugisha, avuga n’ijwi rirenga,
Nuko Dawidi amaze kwosa ikimazi, no gutanga ibimazi vy’ishimwe, ahezagira abantu mw izina ry’Uhoraho.
Maz’ abaherezi, ari bo Balewi, barahaguruka, bahezagira abantu; ijwi ryabo ryumvikana ku Mana, ugusenga kwabo gushika ahēra hayo ah’ iba, ari ho mw ijuru.
Maze Hezekiya n’abaganwa baje, bakabona ivyo birundo, baciye bashima Uhoraho n’abantu biwe b’Abisirayeli.
Abahita ntibaze bababgire, Ng’ Umugisha w’Uhoraho n’ube kuri mwebge; Canke ngo Tubahezagiye mw izina ry’Uhoraho.
Mose yitegereza ivyo bākoze vyose, asanga barabiroranije; nk’uk’ Uhoraho yari yaravuze, ni ko bābikoze: Mose arabahezagira.
Ni mwebge Imana yatanguye gutumak’ Umushumba wayo imaze kumuzura, kugira ngw abahe umugisha, abahindure, umuntu wese ave mu bibi vyiwe.
Nuko Yosuwa arabahezagira, arabasezera, barītāhira.