Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 6:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Maz’ isandugu y’Uhoraho igitamaje ku murwa wa Dawidi, Mikali umukobga wa Sauli arungurukira mw idirisha, abona umwami Dawidi yitera hejuru, yiyerekera imbere y’Uhoraho; amugayira mu mutima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 6:16
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi atuma intumwa kuri Ishibosheti mwene Sauli, muti Muhe umugore wiwe Mikali, uwo yakoye ubugabo ijana yashahuye Abafilisitiya.


Ariko Dawidi atsinda iboma ry’i Siyoni, ari ho hāciye hahinduka umurwa wiwe.


Nuko Dawidi n’umuryango wose w’Abisirayeli badūgana isandugu y’Uhoraho basēsereza impundu, bavuza inzamba.


Dawidi na we asubira i we ngw ahezagire abo mu rugo rwiwe. Maze Mikali umukobga wa Sauli asohoka gusanganira Dawidi, aramubarira, at’ Ereg’ uyu musi umwami w’Abisirayeli yar’ agahore! Urabona ukuntu wikijije impuzu imbere y’ubukobga bushumbiye abantu bawe, nk’umuntu yabaye vyenywe azīkiza ata dusoni!


Maz’ iyo sandugu y’isezerano ry’Uhoraho igitamaje ku murwa wa Dawidi, Mikali umukobga wa Sauli arungurukira mw idirisha, abona umwami Dawidi yiyereka yiginagura; amugayira mu mutima.


Utugirire ikigongwe, Uhoraho we, utugirire ikigongwe, Kuko tuduhiwe cane n’agakēngērwe;


Kuko nihanganira ibitutsi bakumpōra; Isoni zitwikiriye mu maso hanje.


Yarakēngērwa, agahurwa n’abantu; yar’ umunyamibabaro, yar’ azi intimba ic’ ari co; yakēngērwa nk’umuntu abandi bahisha mu maso habo, natwe nta co twamwibajijeko.


Arikw abandi barabanegura, bati Baborewe igisāma.


Arik’ umuntu afise umubiri n’ubgenge gusa ntiyemera ivya Mpwemu w’Imana: kukw ar’ ubupfu kuri we, kandi ntashobora kubimenya, kuko vyitegerezwa mu buryo bg’impwemu.


Bukeye Sauli abarira Dawidi, ati Nguyo umukobga wanje mukuru Merabu, nzomuguha; ariko rero, uz’ ube umuhizi wo kundwanira, urwane intambara z’Uhoraho. Kuko Sauli yavuga, ati Yoye kuzongwako, arikw az’ agwe ku Bafilisitiya.


Hanyuma Mikali umukobga wa Sauli agomwa Dawidi; babibgira Sauli, arabishima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ