15 Nuko Dawidi n’umuryango wose w’Abisirayeli badūgana isandugu y’Uhoraho basēsereza impundu, bavuza inzamba.
Maze Dawidi yiyerekera imbere y’Uhoraho yiginagura; kandi yar’ akenyeye efodi yera derere.
Maz’ isandugu y’Uhoraho igitamaje ku murwa wa Dawidi, Mikali umukobga wa Sauli arungurukira mw idirisha, abona umwami Dawidi yitera hejuru, yiyerekera imbere y’Uhoraho; amugayira mu mutima.
Maze Dawidi abarira abakuru bo mu Balewi gutora abaririmvyi mu b’i wabo, ngo bazane ivyo kuvuza, amakembe n’inanga n’ivyitwa matowazi, babivuze baririmbana umunezero.
Nuko Dawidi n’abakuru b’ Abisirayeli n’abagabisha bagaba ibihumbi baja kudūgana iyo sandugu y’isezerano ry’Uhoraho, bayikūra kwa Obed‐edomu banezerewe.
Uko ni kw Abisirayeli bose bādūganye isandugu y’isezerano ry’Uhoraho basēsereza impundu, bavuza inzamba n’inzumbete n’ivyitwa matowazi, bavuza cane n’amakembe n’inanga.
Abansi biwe nzobakorera ibara; Ariko we, igitsibo ciwe kizomukayanganako.
Abakunzi biwe bavugirize impundu mur’ ico cubahiro: Baririmbishwe n’akanyamuneza bari ku mariri yabo.
Muyishimishe ijwi ry’inzamba, Muyishimishe ikembe n’inanga;
Yemwe mahanga yose, ni mukome amashi; Muvugirize Imana impundu zo kunesha.
Kandi segaba iy’ ashikayo, agende hagati yabo, bavuyeyo bavireyo rimwe.
Na ho nyene jewe nzonezererwa Uhoraho, Mpimbarwe n’Imana y’agakiza kanje.