Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 6:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Maze Dawidi yiyerekera imbere y’Uhoraho yiginagura; kandi yar’ akenyeye efodi yera derere.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 6:14
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Dawidi n’umuryango wose w’Abisirayeli badūgana isandugu y’Uhoraho basēsereza impundu, bavuza inzamba.


Dawidi na we asubira i we ngw ahezagire abo mu rugo rwiwe. Maze Mikali umukobga wa Sauli asohoka gusanganira Dawidi, aramubarira, at’ Ereg’ uyu musi umwami w’Abisirayeli yar’ agahore! Urabona ukuntu wikijije impuzu imbere y’ubukobga bushumbiye abantu bawe, nk’umuntu yabaye vyenywe azīkiza ata dusoni!


Dawidi yari yambaye umwambaro wera derere; kand’ Abalewi bose bāri bareruye iyo sandugu, n’abaririmvyi, na Kenaniya yaganza ivyo kuririmba, na bo bari bambaye bartyo. Kandi Dawidi yari yambaye efodi yera derere.


Bashimire izina ryiwe mu mvyino: Bamuririmbire ishimwe batamba agashako k’ingoma, bavugira inanga.


Muyishimishe agashako k’ ingoma n’imvyino, Muyishimishe ibifise imirya n’imyironge;


Intimba yanje uyihinduye imvyino, Unkenyuruye amagunira yanje, unkenyeza umunezero,


Abaririmvyi bo n’abavyinnyi bazovuga, Bat’ Amasōko yanje yose ari muri wewe.


Kandi Miriyamu yavugishwa n’Imana, mushiki wa Aroni, ahitana agashāko k’ingoma; abagore bose barasohoka, baramukurikira bari n’udushāko tw’ingoma, bagenda baravyina;


Miriyamu akabaterera, ati Ni muririmbire Uhoraho, kukw ari n’intsinzi y’agahebūza: Ifarasi n’ūyigenderako yabinuze mu kiyaga.


kandi muzomubera ubgami, ubgoko bg’abaherezi, ihanga ryera. Ayo majambo abe ari yo ubgira Abisirayeli.


Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’ inama cank’ ukumenya cank’ ubgenge i kuzimu ah’ urāriye kuja.


Kandi segaba iy’ ashikayo, agende hagati yabo, bavuyeyo bavireyo rimwe.


Arik’ umwana wiwe w’imfura yari mu ndimiro; arikw araza, agira ashike ku nzu, yumva inanga n’imihamirizo.


kandi mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose.


Ivyo mukora vyose, mubikore bivuye mu mutima, nk’abakorera Shobuja mukuru, ntimube nk’abakorera abantu,


Maze Yefuta aratabaruka, aja i Misipa; ashitse i we, umwana wiwe w’umwigeme asohoka kumusanganira afise udushāko tw’ ingoma, arikw aratamba, atārīka. Kand’ uwo mwana wiwe yar’ ikinege: nta muhungu nta mwigeme wundi yar’ afise, atar’ uyo gusa.


murereke: maz’ abakobga b’i Shilo ni basokoroka baja kuvyina, muce musokoroka aho mubunze mu mizabibu, umuntu wese acakire umwigeme mur’ abo bigeme b’i Shilo, amugire umugore wiwe; muheze mwitahire mu gihugu c’i Bubenyamini.


Ariko Samweli akorera Uhoraho, kandi yar’ akir’ umwana, yari yambaye efodi yera derere.


Ngo Ntiyamutoranije mu miryango yose y’Abisirayeli, ngw abe umuherezi wiwe, aje ku gicaniro ciwe, yose imibavu, yambare efodi imbere yiwe? Ngo Kandi ntiyahaye inzu ya sogokuruza ibimazi vyose Abisirayeli batanga vyo gutongorwa n’umuriro?


Maz’ umwami abarira Dowegi, ati Kūra hasi weho, wice abo baherezi. Nuko Dowegi Umunyedomu akūra hasi, arabica; uwo musi yica abantu mirongumunani na batanu bambara efodi yera derere.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ