Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 5:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nuko Dawidi aba mur’ iryo boma, aryita umurwa wa Dawidi. Yubaka impande zose, uhereye inyuma y’uruzitiro rw’i Milo ugashitsa imbere yaho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 5:9
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Dawidi atsinda iboma ry’i Siyoni, ari ho hāciye hahinduka umurwa wiwe.


Uwo musi Dawidi aravuga, at’ Ūgomba gutera Abayebusi, n’ adūgane umugende w’amazi, abone gutera ivyo bimuga n’impumyi umutima wanje wanka. Ni co catumye bavuga, ngo Nta mpumyi cank’ ibimuga bizoshobora kwinjira mu ngoro.


Nukw iyo sandugu y’Uhoraho Dawidi ntiyakunda kuyijana i we ku murwa wiwe, arikw ayikebereza kwa Obed‐edomu w’Umunyegati;


Ivyamuteye kugarariza umwami vyatanguye birtya: Salomo yarikw arubaka i Milo, asana n’ikirengero c’uruzitiro rw’igisagara ca se Dawidi.


Nuko Dawidi ahamvya ba sekuruza, bamuhamba ku murwa i we.


Ubu ni bgo buryo umwami Salomo yashizeh’ abanyabikebere bo kwubaka ingoro y’Uhoraho n’ingoro yiwe ubgiwe n’i Milo n’uruzitiro rw’amabuye rw’i Yerusalemu, n’i Hasori n’i Megido n’i Gezeri.


Maze wa mukobga wa Farawo yimuka mu gisagara ca Dawidi, aja kuba mu ngoro Salomo yamwubakiye; maze Salomo yubaka i Milo.


Bukeye abantu bo mu banyarugo biwe baramugarariza, bamutsinda mu nzu i Milo ku nzira imanuka ija i Sila.


Abo banyarugo biwe bāmwishe ni Yozakari umwana wa Shimeyati na Yehozabadi umwana wa Shomeri; nukw arapfa, bamuhamba hamwe na ba sekuruza ku murwa wa Dawidi; maz’ umuhungu wiwe Amaziya asubira ku ngoma yiwe.


Yubaka ico gisagara hirya no hino yawo, uhereye ku ruzitiro rw’i Milo n’impande zose; Yowabu na we asana ibice vyaco vyari bisigaye.


Nuko Hezekiya agumya umutima, asanura uruzitiro aho rwari rwarasenyutse hose, arwubakakw iminara, yubaka n’urundi ruzitiro inyuma yarwo, akomeza n’i Milo mu gisagara ca Dawidi; arondeza ibirwanishwa n’inkinzo vyinshi cane.


Irembo rija kw iriba risanwa na Shalumu mwene Koli‐hoze, umukuru aganza intāra y’i Misipa, araryubaka ararisakara, ariterakw inzugi zaryo, n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo, yubaka n’uruzitiro rwo ku kidengeri Shela co ku ndimiro y’umwami, kurinda ashitsa ahagenda hadondagirwa hamanuka hava ku gisagara ca Dawidi.


Yerusalemu, wubatswe Nk’igisagara c’icomeke:


Ewe Ariyeli, uzobona ibara, Ariyeli, wa murwa Dawidi yashagajeko! Mukurikiranye umwaka n’uwundi, mugire imisi mikuru mu bihe vyayo;


Na ho bitabaye birtyo, umuriro n’uve kuri Abimeleki, uyigize abantu b’i Shekemu n’ab’ inzu ya Milo; kand’ umuriro n’uve mu b’i Shekemu no mu b’inzu ya Milo, uyigize Abimeleki.


Maz’ abantu bose b’i Shekemu bakoranira hamwe n’ab’ inzu ya Milo bose, baja kwimikira Abimeleki musi y’igiti c’umweloni cari mu gitabo i Shekemu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ