Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 5:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ariko Dawidi atsinda iboma ry’i Siyoni, ari ho hāciye hahinduka umurwa wiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 5:7
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo musi Dawidi aravuga, at’ Ūgomba gutera Abayebusi, n’ adūgane umugende w’amazi, abone gutera ivyo bimuga n’impumyi umutima wanje wanka. Ni co catumye bavuga, ngo Nta mpumyi cank’ ibimuga bizoshobora kwinjira mu ngoro.


Nuko Dawidi aba mur’ iryo boma, aryita umurwa wa Dawidi. Yubaka impande zose, uhereye inyuma y’uruzitiro rw’i Milo ugashitsa imbere yaho.


Nukw iyo sandugu y’Uhoraho Dawidi ntiyakunda kuyijana i we ku murwa wiwe, arikw ayikebereza kwa Obed‐edomu w’Umunyegati;


Bukeye babarira umwami Dawidi, bat’ Uhoraho yahaye umugisha urugo rwa Obed‐edomu n’ivy’ afise vyose, kubga ya sandugu yiwe. Nuko Dawidi arahaguruka aja gukūra iyo sandugu y’ Imana kwa Obed‐edomu, ayitahana ku murwa wiwe anezerewe.


Maz’ isandugu y’Uhoraho igitamaje ku murwa wa Dawidi, Mikali umukobga wa Sauli arungurukira mw idirisha, abona umwami Dawidi yitera hejuru, yiyerekera imbere y’Uhoraho; amugayira mu mutima.


Nuko Dawidi ahamvya ba sekuruza, bamuhamba ku murwa i we.


Maze Salomo asabira Farawo umwami wa Egiputa, arongora umukobga wiwe, amujana mu gisagara ca Dawidi, gushitsa amaze kwubaka ingoro yiwe bgite n’ ingoro y’Uhoraho, n’uruzitiro rwo kuzitirira i Yerusalemu impande zose.


Maze Salomo akoranya abashingantahe b’Abisirayeli n’ abakuru b’imiryango bose, ari bo bakuru bo mu mazu ya ba sekuruza b’Abisirayeli, bakoranira i Yerusalemu bītavye umwami, kugira ngo badūgane isandugu y’isezerano ry’Uhoraho, bayikūye mu gisagara ca Dawidi, ari ho i Siyoni.


Maze wa mukobga wa Farawo yimuka mu gisagara ca Dawidi, aja kuba mu ngoro Salomo yamwubakiye; maze Salomo yubaka i Milo.


Nuko Dawidi aba mur’ iryo boma, ni co catumye bahīta Umurwa wa Dawidi.


Bamuhamba ku murwa wa Dawidi hamwe n’abami, kuko yakoze neza mu Bisirayeli, no ku Mana, no mu vy’ingoro yayo.


Maze Salomo akoranya abashingantahe b’Abisirayeli n’abakuru b’imiryango bose, ari bo bakuru bo mu mazu ya ba sekuruza b’ Abisirayeli, bakoranira i Yerusalemu, kugira ngo badūgane isandugu y’isezerano ry’Uhoraho, bayikūye mu gisagara ca Dawidi, ari ho i Siyoni.


Irembo rija kw iriba risanwa na Shalumu mwene Koli‐hoze, umukuru aganza intāra y’i Misipa, araryubaka ararisakara, ariterakw inzugi zaryo, n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo, yubaka n’uruzitiro rwo ku kidengeri Shela co ku ndimiro y’umwami, kurinda ashitsa ahagenda hadondagirwa hamanuka hava ku gisagara ca Dawidi.


Kuk’ Uhoraho yatoranije Siyoni, Yahagomwe ngw ahabe.


Ati Ni jewe niyimikiye umwami wanje Kuri Siyoni, umurwa wanje wera.


Mugendagende kuri Siyoni, muwukikuze, Muharūre iminara yaho,


Imana yimenyekanishije mu ngoro zo kuri wo kw ar’ igihome kirekire gikīngira abantu.


Ugirire neza i Siyoni, nk’uko haguhimbara; Wubake inzitiro z’amabuye z’i Yerusalemu.


Uhoraho akunda ibirimba vy’ i Siyoni Kubirutisha ingo zose z’aba Yakobo.


Uhoraho aba i Siyoni mumuririmbire ishimwe; Mukwize mu mahanga ibikorwa vyiwe.


Semerera, uvuge cane, yewe uba i Siyoni, kuk’ Uwera w’Abisirayeli, ari hagati muri mwebge, ahambaye.


Kand’ umucunguzi azoza i Siyoni, ku bo mu ba Yakobo bateye ibitugu ibicumuro, ni k’ Uhoraho agize.


Rāba nzohigūra nawe, wewe gisagara cubatswe ku mushasha, ku gitandara co mu kiyaya, ni jewe Uhoraho mbivuze; yemwe abavuga, muti Ni nde yorinduka kumanuka ngw adutere? Canke ni nde yoshika mu ngo zacu?


Amahanga menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, mk ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho.


nk’uko handitswe, ngw Ehe ndashira i Siyoni ibuye ritsitaza, urutare rugwisha, Kand’ uwizera uyo ntazoterwa n’isoni.


Ariko mwegereye umusozi Siyoni, n’umurwa w’Imana nzima, Yeru salemu ho mw ijuru, n’ikoraniro rikuru ry’isinzi ry’abamarayika,


Kandi mbona Umwagazi w’Intama, ahagaze ku musozi Siyoni, ahagararanye n’abantu ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bafise izina ryiwe n’izina rya Se yanditswe mu ruhanga rwabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ