nkwinjiza ingoro ya shobuja, nguha n’abagore biwe ngo bagusegure; kandi nkugabira umuryango wa Isirayeli n’ uwa Yuda; kand’ iyo biba vyarabaye bike, mba narakwongeye n’ibindi.
Abo ukw ari batandatu ni bo yavyariye i Heburoni; kandi yamaze ku ngoma imyaka ndwi n’amezi atandatu ar’ i Heburoni, n’iyindi mirongwitatu n’itatu ar’ i Yerusalemu.