Kandi Yeriya ni we yar’ umukuru w’aba Heburoni iyo bava bakagera, uk’ urunganwe rwabo rwangana n’ukw amazu ya ba sekuruza yangana. Mu mwaka ugira mirongwine Dawidi ari ku ngoma ni ho bābiseranguye, basanga muri bo ko har’ abantu b’abahizi i Yazeri h’i Gileyadi.
Abo ukw ari batandatu ni bo yavyariye i Heburoni; kandi yamaze ku ngoma imyaka ndwi n’amezi atandatu ar’ i Heburoni, n’iyindi mirongwitatu n’itatu ar’ i Yerusalemu.