Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 5:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uko ni kw abashingantahe bose b’Abisirayeli bāshengereye umwami i Heburoni; nuk’ umwami Dawidi asezeranira na bo isezerano imbere y’Uhoraho i Heburoni nyene; bamwimikisha amavuta ngw abe umwami w’Abisirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 5:3
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye abantu b’i Buyuda baraza, bahimikira Dawidi bamusutsekw amavuta, ngw abe umwami w’ umuryango w’Abayuda. Bukeye babarira Dawidi, bat’ Ab’i Yabeshi‐gileyadi ni bo bāhamvye Sauli.


None rero, mwigumye, mube abagabo: kuko Sauli shobuja yāpfuye, kand’ ab’ umuryango w’Abayuda banyimikishije amavuta ngo mbe umwami wabo.


Maze Abuneri abarira Dawidi, ati Hinge ngende, ngagamure Abisirayeli bose baze ah’ uri, mwami wanje nyen’ ingoma, kugira ngo basezerane nawe, ubone kubaganza bose nk’uk’ ugomba. Nuko Dawidi arekura Abuneri, agenda amahoro.


maze Sadoki umuherezi n’ ūvugishwa n’Imana Natani baheze bamwimikishirizey’ amavuta, abe umwami w’Abisirayeli; maze muce muvuza inzamba, mut’ Umwami Salomo n’ahangame!


Maze Yehoyada ashinga isezerano hagati y’Uhoraho n’umwami n’abantu, ngo babe abantu b’ Uhoraho; ashinga isezerano no hagati y’umwami n’abantu.


Bukeye Abisirayeli bose bakoranira hamwe i Heburoni, baja kwa Dawidi, baramubarira, bat’ Ehe rāba, tur’ akara kamwe n’ amaraso amwe.


Uko ni kw abashingantahe bose b’Abisirayeli bāshengereye umwami i Heburoni; nuko Dawidi asezeranira na bo isezerano imbere y’ Uhoraho i Heburoni nyene; bamwimikisha amavuta ngw abe umwami w’Abisirayeli, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho riri, iryo yavugiye muri Samweli.


Ariko rer’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ni jewe yarobanuye mu bo mu nzu ya data bose, ngo mbe umwami w’ Abisirayeli ibihe vyose; kuko yatoranije Yuda, ikamugira umukuru; kandi mu muryango wa Yuda igatoranyamwo inzu ya data; kandi mu bahungu biwe ikaba ari jewe yashimye kugira umwami w’Abisirayeli mwese.


Maze Yehoyada ashinga isezerano hagati yiwe n’abantu bose n’umwami, ngo babe abantu b’ Uhoraho.


Nuko kubg’ ivyo dusezerana isezerano ry’intahava, turaryandika; maz’ abakuru bacu n’Abalewi bacu bo n’abaherezi bacu barishirakw ikimenyetso kidomye mw ishashara.


Genda, uz’ ukoranye abashingantahe b’Abisirayeli, ubabgire, ut’ Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza, yaranyiyeretse, ari yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo, irambarira, iti N’ukuri nabagendeye, mbona ivyo babagirira muri Egiputa:


Hanyuma Yosuwa aradūga, ava i Eguloni, bo n’Abisirayeli bose, batera i Heburoni, baraharwanya.


Nuko Yefuta ajana n’abo bakuru b’i Gileyadi, abantu bamugira umugabisha wabo n’umukuru wo kubaganza; Yefuta asubira muri ya majambo yiwe yose imbere y’Uhoraho i Misipa.


Nukw abantu bose baja i Gilugali, bimikira Sauli imbere y’Uhoraho aho nyene i Gilugali, bahatangira ibimazi vy’ishimwe imbere y’Uhoraho: nuko Sauli n’Abisirayeli bose bahagirira akanyamuneza kenshi.


Nuko Samweli aca yābīra rya hembe ry’amavuta, ayamusukako bakuru be bamukikije. Kuva uwo musi Mpwemu w’Uhoraho yama aza kuri Dawidi akābushūngwe. Nuko Samweli arahaguruka, asubira i Rama.


Bompi baraheza basezeranira isezerano imbere y’Uhoraho; maze Dawidi yigumira i Horeshi, Yonatani asubira i we.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ