2 Samweli 5:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)3 Uko ni kw abashingantahe bose b’Abisirayeli bāshengereye umwami i Heburoni; nuk’ umwami Dawidi asezeranira na bo isezerano imbere y’Uhoraho i Heburoni nyene; bamwimikisha amavuta ngw abe umwami w’Abisirayeli. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ariko rer’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ni jewe yarobanuye mu bo mu nzu ya data bose, ngo mbe umwami w’ Abisirayeli ibihe vyose; kuko yatoranije Yuda, ikamugira umukuru; kandi mu muryango wa Yuda igatoranyamwo inzu ya data; kandi mu bahungu biwe ikaba ari jewe yashimye kugira umwami w’Abisirayeli mwese.