Hanyuma wa muvugishwa aza ku mwami w’Abisirayeli, ati Genda witegure, wiyumvire umenye uk’ uzogenza, kuko mu mwaka utaha ku gacikamvura, umwami w’i Siriya azokwongera kugutera.
rugaheza rukadūga rukajana umwonga wa mwene Hinomu gushitsa ku mucāmo w’ umusozi w’Abayebusi ahahera i bumanuko, ni wo Yerusalemu; rukadūga gushitsa ku mpinga y’ umusozi uhanamiye uwo mwonga nyene wa Hinomu ahahera i burengerazuba, ni ho umwonga Refayimu wahēra, ku ruhande rw’i burārūko.