21 Abafilisitiya batayo ibigirwamana vyabo; Dawidi n’ ingabo ziwe barabijana.
bātereye imana zabo mu muriro; ariko ntizar’ imana nya mana, zar’ izakozwe n’intoke z’abantu mu biti no mu mabuye; ni co catumye bazihonnya.
Kand’ azokwanda umuriro amazu y’ibigirwamana vy’Abanyegiputa; azoyaturira, abijane kw inyagano: kand’ azokwirenza igihugu ca Egiputa nk’uk’ umwungere yirenza umutamana wiwe; kand’ azovayo ar’ amahoro.
Ko wishimiye ibikorwa vyawe n’ubutunzi bgawe, nawe nyene uzotsindwa: kand’ ikigirwamana Kemoshi kizojanwa ar’ inyagano, bo n’abaherezi baco n’abaganwa baco.
kand’ ibigirwamana vyabo na vyo, n’ibishushanyo vyavugutiwe, n’ibintu vyabo vyiza‐vyiza vy’imbombovu vy’ifeza n’ivy’ izahabu, azobinyaga abijane muri Egiputa; maz’ azomara imyaka aretse umwami w’i burārūko.
Ibishushanyo bibājwe vy’ibigirwamana vyabo muze mubiturire; ntimuze mwifuze ifeza cank’ izahabu vyometse kuri vyo, ntimuze mubitware, vyoye kuzohava bibahindukira umutego, kukw ivyo ar’ ubuyobe k’Uhoraho Imana yanyu;
Arik’ uku az’ abe ari ko mubagirira: muze musangangure ibicaniro vyabo, mumenagure amabuye bashinze, mutemagure inkingi bashingiye Ashera, muturire ibishushanyo vyabo bibājwe.