Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 5:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kandi mu bihe vya kera, hamwe Sauli yar’ umwami wacu, ni wewe wajana Abisirayeli gutabara, mugatabarukana. Kand’ Uhoraho yarakubgiye kw ari wewe uzoragira abantu biwe b’ Abisirayeli, kandi k’uzoba segaba wabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 5:2
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arik’ umuheto wiwe wama ubanze, Ari n’ubukuba mu maboko, Abihawe n’amaboko y’Inyenkomezi ya Yakobo, Ari yo Mwungere, Igitandara ca Isirayeli,


Dawidi yishura Mikali, at’ Uhoraho ni we nariko ndiyereka, kandi ni we yantoranije kuruta so n’ab’ inzu yiwe bose, akangira segaba w’abantu biwe b’Abisirayeli. Ni co kizotuma niyereka Uhoraho.


Uti Mbeg’ ahantu hose yagiye agendana n’Abisirayeli bose, uti Har’ aho yigeze kubarira umucamanza w’Abisirayeli uw’ ari we wese, uwo yashizeho kuragira abantu biwe, akamubaza, ati N’iki cababujije kumwubakira inzu y’amasederi?


Nuko rero, ukw abe ari k’ubarira umusavyi wanje Dawidi, ut’ Uhoraho Nyen’ ingabo, uku ni kw agize, uti Yagukūye mu bgungere, inyuma y’intama, ng’ ube segaba w’abantu biwe b’Abisirayeli;


riti Subira inyuma, ubarire Hezekiya segaba w’abantu banje, ut’ Uku ni k’Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi, agize: uti Ngo Yumvise ugusenga kwawe, abonye n’amosozi yawe; ut’ Eh’ azogukiza; uti Maze ku musi ugira gatatu uzodūga uje mu ngoro yiwe.


Kandi mu bihe vya kera, hamwe Sauli yar’ umwami, ni wewe wajana Abisirayeli gutabara, mugatabarukana. Kand’ Uhoraho Imana yawe yarakubgiye kw ari wewe uzoragira abantu biwe b’Abisirayeli, kandi k’uzoba segaba wabo.


None rero ndagusavye umpe ubgenge no gutahura, kugira ngo mmenye iyo bija n’iyo biva mur’ aba bantu. None ni nde yoshobora gucira imanza iri hanga ryawe, n’ukuntu ar’ irihambaye?


Azoragira umukuku wiwe nk’umwungere, azoterura imyagazi mu maboko, ayitware mu gikiriza, kand’ izonsa azoziyobora buhoro‐buhoro.


Rāba, ndamutanze ngw abe icabona co gushingira intahe amahanga, ngw abe n’umukuru na segaba w’amahanga.


Nzoziha umwungere umwe, na we azoziragira, ni we musavyi wanje Dawidi; azoziragira, abe umwungere wazo.


Azohagarara, aragire umukuku wiwe mu nkomezi z’Uhoraho, no mu cubahiro c’ izina ry’Uhoraho Imana yiwe: kandi bazokwībērah’ umugaramango; kukw ico gihe ubukuru bgiwe buzoshika ku mpera z’isi.


wo kubaja imbere amaja n’ amaza, abaturutsa akabacūra: kugira ngw ishengero ryawe, Uhoraho, ryoye kumera nk’intama zitagira umwungere.


ngo Kandi wewe, Betelehemu mu ntāra ya Yuda, Nturi mutoya mu baganwa ba Yuda, Kuko kuri wewe hazova ūganza, Ni we azoragira abantu banje b’Abisirayeli.


Ni jewe mwungere mwiza; umwungere mwiza yigura intama ziwe.


Kukw iyo, (ni yo yaremewe vyose kandi ni yo ibeshejeho vyose), mu kurōngōra abana benshi ngw ibazane mu bgiza, vyari biyikwiye gutunganisha rwose indōngōzi y’agakiza kabo kubabazwa.


Ariko noneh’ ubgami bgawe ntibuzohangama; Uhoraho aramaze kwironderera umuntu ameze nk’uk’ umutima wiwe ugomba; kandi ni we Uhoraho yashinze ngw az’ abe segaba w’abantu biwe, kuk’ utumviye ic’ Uhoraho yakugeze.


Maz’ Uhoraho abaza Samweli, at’ Uzogeza hehe kuririra Sauli, kandi namaze kwanka kw aba umwami w’Abisirayeli? Uzuza ihembe ryawe amavuta, uheze uze ngutume kuri Isayi w’i Betelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe.


Ni co catumye amwigizayo, akamugira umugabisha w’ingabo igihumbi, akāma atabarana na zo amaja n’amaza.


Arikw Abisirayeli n’Abayuda bose bākunda Dawidi, kuko yatabarana na bo amaja n’amaza.


Nuko Dawidi yama agenda aho Sauli yamutuma hose, akabigiramw’ ikiganza ciza, bituma Sauli amuha kugaba ingabo ziwe; abantu bose barabishima, mbere n’abagendanyi ba Sauli na bo.


Ndakwinginze, mpangaza jewe umuja wawe, umparire igicumuro canje: Uhoraho ntazobura guha inzu yawe kurama, kuk’ urwana intambara z’Uhoraho, mugenzi, kandi nta kibi kizokubonekako imisi yose uzoba uriho.


Nuko mugenzi, Uhoraho ni yamara kugushitsakw ivyiza vyose yakuvuzeko, akaguhindura segaba w’Abisirayeli,


at’ Ejo nka magingo aya nzokurungikira umuntu avuye mu gihugu c’Ababenyamini; uz’ umwimikishe amavuta, abe umwami w’abantu banje Abisirayeli. Ni we azokiza abantu banje, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya; kuko nitegereje abantu banje, kand’ ugutaka kwabo kwanshitseko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ