Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 5:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Maze Dawidi asiguza Uhoraho, ati Ndūge nje gutera Abafilisitiya? Urabagabura mu maboko yanje? Uhoraho aramwishura, ati Dūga ubatere, kuko ntazobura kugabura abo Bafilisitiya mu maboko yawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 5:19
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma y’ivyo, Dawidi asiguza Uhoraho, ati Mbega ndūge, nimukire mu gisagara kimwe mu vy’i Buyuda? Uhoraho aramwishura, at’ Ego me dūga. Dawidi ati Nje hehe? Aramwishura, ati Ja i Heburoni.


Maze Dawidi asiguje Uhoraho, aramwishura, ati Ntudūge ngo mubīsanganize, arik’ ugende inkerera‐mucamo, mubaturuke inyuma, aharābana n’ibiti vyitwa imibaka.


Nuk’ umwami w’ Abisirayeli akoranya ba kamenyi, bār’ abantu nk’amajana ane; arababaza, ati Mbega tuje gutera i Ramoti‐gileyadi canke dusigeho? Baramwishura, bati Dūga uhatere, kuk’ Uhoraho azohagabura mu maboko yawe, mugenzi.


Umumenye mu ngendo zawe zose, Na we azogorora inzira zawe.


Ariko mwari mukwiye kuvuga, mut’ Umwami wacu ni yabikunda, tuzoramba, kandi tuzokora durtya canke durtya.


na Finehasi mwene Eleyazari umwuzukuru wa Aroni ni we yahagarara imbere yayo); babaza Uhoraho, bati Mbega dusubire kuja kurwana n’ab’i wacu b’Ababenyamini, canke dusigeho? Uhoraho arabishura, ati Dūga, kukw ejo nzobagabura mu maboko yanyu.


Ugira ngo ni bgo bga mbere kumusiguriza Imana? Ntibikabeho ko nokora nk’ivyo! Mugenzi, ntunshirekw ikintu nk’ico, jewe umusavyi wawe, canke ku b’inzu ya data iyo bava bakagera; kukw ata kintu na kimwe nari nzi mur’ ivyo vyose.


Nuko Dawidi asiguza Uhoraho, ati Mbega nje kurwanya abo Bafilisitiya? Uhoraho yishura Dawidi, ati Genda ubarwanye, utabare ab’i Keyila.


Nuko Dawidi yongera gusiguza Uhoraho. Uhoraho aramwishura, ati Haguruka umanuke uje i Keyila, kuko nzogabura Abafilisitiya mu maboko yawe.


Arikw asiguje Uhoraho, ntiyagira ico amwishura, ari mu nzozi, ari mu buryo bga Urimu, haba no mu bavugishwa na we.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ