12 Nuko Dawidi aca atahura yuk’ Uhoraho ari we yamuteretse ngw abe umwami w’ Abisirayeli, kandi kw ashize hejuru ubgami bgiwe kubg’ abantu biwe b’Abisirayeli.
Bukeye Hiramu umwami w’i Tiro atuma intumwa kuri Dawidi, arungika n’ibiti vy’amasederi n’ ababāji n’abubatsi, bubakira Dawidi ingoro.
Maze Dawidi yābīrira i Yerusalemu abandi bamikazi, ahagirira n’izindi ncoreke zimeze bga bagore, amaze kwimukirayo avuye i Heburoni, yongera kuvyara abandi bana b’abahungu n’abakobga.
Uti Kand’ inzu yawe n’ubgami bgawe bizohora bihamye imbere yiwe, uti N’ingoma yawe izokwama ihangamye na ntaryo.
Uhoraho Imana yawe ahimbazwe, yagushimye akagushira ku ngoma mu Bisirayeli. Kuk’ Uhoraho yakunze Abisirayeli uhereye kera hose, ni co catumye akwimika, kugira ng’uce izibereye n’iziroranye.
Nuko Dawidi aca atahura yuk’ Uhoraho ari we yamuteretse ngw abe umwami w’Abisirayeli, kandi k’ubgami bgiwe bushizwe hejuru kubg’ abantu biwe b’Abisirayeli.
Maze Huramu umwami w’i Tiro arungikira Salomo icete co kumwishura, at’ Uhoraho, kubg’ urukundo yakunze abantu biwe, ni co catumye akugira umwami wabo.
Kuko ni wapfa kwiyumya mur’ iki gihe, nta kizobuza Abayuda gutabarwa bakarokoka, ariko bivuye ahandi; ariko weho n’ab’ inzu ya so muzohona. Nta wubizi, kumbure icakwimitse ng’ube umwamikazi n’ ukugira ng’ uz’ useruke mu gihe gisa n’iki!
Ariko jewe ubganje, iryo banga sinarimenyeshejwe n’uko mfise ubgenge kuruta umuntu wese mu bakiriho; ariko n’ukugira ng’ umenyeshwe uko bisobanurwa, utahure n’ivyiyumviro vyo mu mutima wawe, mugenzi.
Imibindi yabo izosesekara amazi, Imbuto zabo zizoba ahar’ ibigera vy’amazi menshi; Umwami wabo azosumba Agagi, Ubgami bgabo buzoshirwa hejuru.