Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 5:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Bukeye Hiramu umwami w’i Tiro atuma intumwa kuri Dawidi, arungika n’ibiti vy’amasederi n’ ababāji n’abubatsi, bubakira Dawidi ingoro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 5:11
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Dawidi aca atahura yuk’ Uhoraho ari we yamuteretse ngw abe umwami w’ Abisirayeli, kandi kw ashize hejuru ubgami bgiwe kubg’ abantu biwe b’Abisirayeli.


Nuk’ umwami amaze kwinjira ingoro yiwe, Uhoraho amuhaye impore hagati y’abansi biwe bose bamukikije,


abarira ūvugishwa n’Imana Natani, at’ Ehe jewe mba mu nzu yubakishijwe amasederi, na yo isandugu y’Imana iba mw ihema gusa.


Kandi Salomo yari yarashizeh’ abantu ibihumbi mirongwirindwi bāshinzwe ivyo kwikorera, n’abandi ibihumbi mirongumunani bāshinzwe kubāza amabuye ku misozi;


Maz’ abubatsi ba Salomo n’aba Hiramu n’Abagebali barayabāza, batunganya ibiti n’amabuye, kugira ngo bavyubakishe iyo ngoro.


Bukeye Hiramu umwami w’i Tiro atuma intumwa kuri Dawidi, arungika n’ibiti vy’ amasederi n’abubatsi n’ababāji, kugira ngo bamwubakire ingoro.


Kandi bagerera abubatsi n’ababaji amahera, ab’i Sidoni n’ab’i Tiro babagerera ivyo kurya n’ibinyobga n’ amavuta, kugira ngo bazane ibiti vy’amasederi, babikūre i Lebanoni babizane ku kiyaga babishikane i Yopa, bakurikiye ibgirizwa ryashinzwe na Kuro Umwami w’i Buperesi.


Uhoraho ndaguhimbaza kuko wankūye hasi, Ntukunde kw abansi banje banyitamba hejuru.


riti Mwana w’umuntu, Tiro ko havuze hitamba kuri Yerusalemu ngw Awa! ngw Icār’ umwugariro w’amahanga kirahomvotse! ngo Biransenyukiyeko, ngiye gutunga, co ko gicitse imisaka;


maz’ urwo rubibe rugakevya rugaca i Rama, rugashika no ku gisagara c’i Tiro kizitijwe uruzitiro rw’amabuye; rugaheza rugakebereza i Hosa, rukagarukira ku kiyaga. Batwara na Mahalabu na Akizibu,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ