Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 4:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Maz’ uwo mutwe wa Ishibosheti bawushīra umwami Dawidi i Heburoni, baramubarira, bati Nguyu umutwe wa Ishibosheti umwana w’ umwansi wawe Sauli, yahora aguhīga; Uhoraho ashubirije Sauli mu nkōko, n’abana biwe, abaguhōye, mwami wacu nyen’ ingoma.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 4:8
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Ahimasi mwene Sadoki aravuga, ati Ndeka niruke mbarire umwami inkuru z’ingen’ Uhoraho yashubirije abansi biwe mu nkōko.


Wa Munyekushi aca ashika ubgo nyene, aravuga, ati Nkuzaniye inkuru, mwami wanje nyen’ ingoma. Uyu musi Uhoraho yashubirije mu nkōko abāri baguhagurukiye bose.


Kandi Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo za Sauli, yari yarajanye Ishibosheti mwene Sauli, aramujabutsa amujana i Mahanayimu.


Ni yo Mana impōra, Ikangandūrira amahanga nkayaganza.


Kand’ ururimi rwanje ruzovuga ukugororoka kwawe burinde bgīra: Kukw abarondera kungirira nabi bishwe n’isoni batēterewe.


aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uje mu gihugu c’i Bgisirayeli, kukw abārondera kwica umwana bāpfuye.


Ni biguhimbare, wa juru, namwe abera n’intumwa n’abavugishwa n’Imana, kukw Imana igiciriyekw iteka, igihōra mwebge.


Batakambisha ijwi rirenga, bati Databuja wera w’ukuri, uzogeza ryari kudaca amateka no kudahōra abari mw isi amaraso yacu?


Araheza ararirekura, ati Hinge ndarisākize Dawidi, rirume ku nzu. Ariko Dawidi amuzibukira kabiri.


Bukeye Sauli abarira Yonatani umuhungu wiwe bo n’ abantu biwe bose ngo bice Dawidi. Ariko Yonatani mwene Sauli yakunda Dawidi cane.


Hanyuma Sauli yongera gutuma izo ntumwa ngo barābe Dawidi, ati Mumuterurane n’uburiri mumudūgane, mumunzanire, ndamwice.


Nuko Dawidi arahunga, ava i Nayoti i Rama, araza abaza Yonatani, ati Mbega nzira iki? Nacumuye mu ki? Ikibi nagiriye so n’igiki, gituma arondera kunyica?


Maze Dawidi abonye ko Sauli amurondera ngw amwice, yigumira i Horeshi mu bugaragwa bg’i Zifu.


Maz’ izo ngabo za Dawidi ziramubarira, zit’ Uyu ni wa musi Uhoraho yakubgira kw azogabura umwansi wawe mu maboko yawe, ng’ uz’ umugire uk’ ugomba. Dawidi ava hasi, acacura umutwe w’impuzu ya Sauli buhoro‐buhoro.


Kandi nah’ abantu bagukūriye hasi ngo baguhīge, bakwice, ubugingo bgawe buzokwama butēkeye mu mutēkero w’abariho ufiswe n’ Uhoraho Imana yawe, mugenzi: kand’ ubugingo bg’abansi bawe azobushibura nk’ibuye ritewe n’ umugozi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ