Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 4:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kandi Yonatani mwene Sauli yar’ afise umwana yamugaye ibirenge. Igihe imbitsi yaza ivuye i Yezireli kubika Sauli na Yonatani, uwo mwana yar’ amaze imyaka itanu avutse; maz’ umurezi wiwe aramuhitana, arahunga; akinyaragasa ahunga, aramukorokana, yikubita hasi, aca amugara. Nya mwana yitwa Mefibosheti.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 4:4
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arik’ umwami Dawidi arēngāna Mefibosheti mwene Yonatani umwuzukuru wa Sauli, kubg’ indahiro bārahiriye imbere y’ Uhoraho, bo na Yonatani nyene, mwene Sauli.


Nuko Mefibosheti aba i Yerusalemu, kuko yama arīra ku meza y’umwami; kandi yari yaramugaye ibirenge vyompi.


Umwami aramubaza, ati Mbega mu nzu ya Sauli nta woba akiriho ngo ndamugirire neza kubg’ Imana? Ziba yishura umwami, ati Haracarih’ umwana wa Yonatani amugaye ibirenge.


Nuko Mefibosheti mwene Yonatani umwuzukuru wa Sauli arenguka imbere ya Dawidi; akubita inkoro hasi, aramwunamira. Maze Dawidi aravuga, ati Mefibosheti! Aritaba, ati Sabge!


Ico gihe Hadadi ahungana n’Abanyedomu bamwe bo mu bantu ba se, kugira ngw ahungire muri Egiputa; kandi Hadadi uwo yar’ akir’ umwana w’umuyabaga.


Umuhungu wa Yonatani ni Meribu‐bayali, Meribu‐bayali avyara Mika.


Umuhungu wa Yonatani ni Meribu‐bayali; Meribu‐bayali avyara Mika.


Nukw Abafilisitiya bakoraniriza ingabo zabo zose i Afeka, Abisirayeli na bo basagaza hafi y’iriba ry’i Yezireli.


Nuko Dawidi azindukana kare mu gatondo n’ingabo ziwe, baragenda, basubira mu gihugu c’Abafilisitiya. Arikw Abafilisitiya baradūga, batera i Yezireli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ