Ibifise ubugingo vyose biri kw isi biraherengetezwa, uhereye ku bantu no ku bitungano no ku vyikwega hasi no ku biguruka mu kirere: biherengetezwa kw isi; Nowa aba ari we asigara wenyene, bo n’ivyari kumwe na we muri bga bgato.
Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.
Uhoraho aza kuba amushubije ku mutwe amaraso ya ba bantu babiri yatsindaho, akabicisha inkota, data Dawidi atabizi, kand’ ar’ abantu bamurusha kugororoka no gutungana, ni bo Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo z’Abisirayeli, na Amasa mwene Yeteri, umugabisha w’ingabo z’Abayuda.