Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 4:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 None mbega, abantu b’inkozi z’ibibi basanze umuntu w’umugororotsi mu nzu yiwe yiryamiye ku buriri bakamwica, sindushiriza kubahōra amaraso yiwe, nkabarandura nkabakūra mw isi?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 4:11
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhereye none ubaye ikivume, ugerewe kuyerēra kure y’aho hantu hasamitse akanwa kaho kwākīra amaraso ya murumunawe ukuboko kwawe kwavishije.


Imana ibarira Nowa, iti Ndamaramaje guherengeteza abari n’ umubiri bose, kukw isi yuzuye umuryano kubgabo; nuko nzobarandurana n’isi.


Ibifise ubugingo vyose biri kw isi biraherengetezwa, uhereye ku bantu no ku bitungano no ku vyikwega hasi no ku biguruka mu kirere: biherengetezwa kw isi; Nowa aba ari we asigara wenyene, bo n’ivyari kumwe na we muri bga bgato.


Uhoraho agushubije ku mutwe amaraso yose y’ab’ inzu ya Sauli, uwo wishize mu gishingo ciwe, ukīyimika; non’ Uhoraho agabiye Abusalomu umuhungu wawe ubgo bgami; awa! Ubuyobe bgawe buragukoze, kuk’ ur’ umwicanyi!


Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.


Kandi nanje naho nd’umwami yimikishijwe amavuta, arik’ ubu nsigaye ncitse urudendevu. Kand’ abo bagabo, abahungu ba Seruwiya, n’abantu badashoboka, barannaniye. Uhoraho n’asubirize umunyakibi mu nkōko nk’ukw ibibi vyiwe bingana.


Uhoraho aza kuba amushubije ku mutwe amaraso ya ba bantu babiri yatsindaho, akabicisha inkota, data Dawidi atabizi, kand’ ar’ abantu bamurusha kugororoka no gutungana, ni bo Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo z’Abisirayeli, na Amasa mwene Yeteri, umugabisha w’ingabo z’Abayuda.


Bibe imbere y’Uhoraho ubudasība, Kugira ngw arandure ukwibukwa kwabo, agukūre mw isi.


Kuk’ ūhōra amaraso abibuka, Ntiyibagira ugutakamba kw’ abaciye bugufi.


Ūkubise uwundi, agapfa, ntaz’ abure kwicwa.


Ut’ Ereg’ ubu aba abanguye ukuboko kwiwe, akakurekurirakw ikīza, mwe n’ abantu bawe, ukarandurwa mw isi:


Arikw abanyavyaha bazokomborwa mu gihugu, Kand’ abaguranyi bazorandurwa muri co.


Umuntu agororotse agapfa kwemerana ivy’ umunyakibi Ameze nk’isōko itobetse, n’ imbizi y’iyōndoyōndo.


Uk’ ukwiye kubabgira n’uku: ut’ Imana zitāremye ijuru n’isi, izo ni zo zizoherengetezwa mw isi no musi y’ijuru.


Mbega ntiwamyeho uhereye kera hose, Uhoraho Mana yanje, Uwera wanje? Ntituzopfa. Uhoraho, wabashizeho ng’ ubacishe amateka; Gitandara we, wabashiriyeho guhana.


Ni co gituma amabgirizwa asigaye yāfōrorotse, akaba ata manza ziroranye zikiboneka na mba: kuk’ umunyakibi atangatanze umugororotsi irya n’ino, bigatuma imanza ziboneka zigoramye.


ntiduse na Kayini, yar’ uwa wa Mubi, akica murumuna we. Kand’ icatumye amwica n’iki? N’ukw ibikorwa vyiwe vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ