9 Imana iz’ ibimpanire, jewe Abuneri, mbere birushirije, ni ntagirira Dawidi nk’uk’ Uhoraho yamurahiye,
Uti Kandi mumubarize na Amasa, muti Mbega nawe ntimur’ akara kamwe n’amaraso amwe? Mut’ Imana ize ibimuhanire, kandi birushirije, n’atākugira umugabisha w’ingabo ziwe na ntaryo mu gishingo ca Yowabu.
Nuk’ umwami agonda imitima y’Abayuda bose nk’ uw’ umuntu umwe; baca bamutumako ngw agaruke bo n’abantu biwe bose.
Hanyuma abantu bose baza kwinginga Dawidi ngw afūngure hakiri ku murango; ariko Dawidi ararahira, aravuga, ati Ni nagira ico ntamira izuba ritararenga, Imana iz’ ibimpanire, mbere birushirije!
Yezebeli araheza atuma intumwa kuri Eliya, ut’ Ejo nk’aya mango wewe ubgawe, uti N’atakugira nk’uko wagize abo, ut’ Imana zirakabimuhanira kandi birushirije!
Maz’ umwami Salomo arahira Uhoraho, at’ Ijambo Adoniya avuze, ni ritamucisha umutwe, Imana iz’ ibimpanire, kandi birushirije!
Iki ni co gitigiri c’imice y’ingabo zaje gushengerera Dawidi i Heburoni zitwaje ibirwanishwa, ngo zimusubize ku ngoma ya Sauli, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze.
ah’ uzogwa ni ho nzogwa, bahampambe: Uhoraho arakabimpanira, kandi birushirije, ni nagira ikizontandukanya nawe, atar’ urupfu.
Sauli aramwishura, ati Ni wagenda udapfuye ga Yonatani, Imana ibimpanire, mbere birushirije.
Maze Samweli aramubarira, at’ Uhoraho na we uyu musi agutabuyekw ingoma y’Abisirayeli, ayihaye mugenzawe akuruta.
Ni bgāca hakir’ izinamuhungu n’umwe nja gusiga mu bantu biwe, Imana ibimpanire, jewe Dawidi, mbere birushirije!
Uhoraho yakugiriye nk’uko yari yarabivugiye muri jewe. Akunyaze ingoma, ayiha mugenzawe Dawidi;
Aramubaza, ati Bga bundi yakubariye iki? Ntugire ico umpisha. Ni wagira ico umpisha mu vyo yakubariye vyose, Imana ibiguhanire, mbere birushirije.