7 Kandi Sauli yar’ afise incoreke yari yaragize umugore, yitwa Risipa, umukobga wa Aya; bukeye Ishibosheti abaza Abuneri, ati N’iki catumye winjirana muka data?
nkwinjiza ingoro ya shobuja, nguha n’abagore biwe ngo bagusegure; kandi nkugabira umuryango wa Isirayeli n’ uwa Yuda; kand’ iyo biba vyarabaye bike, mba narakwongeye n’ibindi.
Kandi Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo za Sauli, yari yarajanye Ishibosheti mwene Sauli, aramujabutsa amujana i Mahanayimu.
Aramubarira, ati Ndakwinginze, nsabira umwami Salomo, kukw adashobora kukwima, ampe Abishagi w’i Shunemu, ndamucūre.