Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 3:39 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Kandi nanje naho nd’umwami yimikishijwe amavuta, arik’ ubu nsigaye ncitse urudendevu. Kand’ abo bagabo, abahungu ba Seruwiya, n’abantu badashoboka, barannaniye. Uhoraho n’asubirize umunyakibi mu nkōko nk’ukw ibibi vyiwe bingana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 3:39
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwami aramwishura, ati Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya? Ni yaba antutse Uhoraho ari we yamubariye, ati Tuka Dawidi; har’ uwoshobora kumubuza, at’ Ivyo ubitewe n’iki?


Uti Kandi mumubarize na Amasa, muti Mbega nawe ntimur’ akara kamwe n’amaraso amwe? Mut’ Imana ize ibimuhanire, kandi birushirije, n’atākugira umugabisha w’ingabo ziwe na ntaryo mu gishingo ca Yowabu.


Dawidi aravuga, ati Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya, uyu musi ko mumbereye abarwanizi? Har’ uwokwicwa uyu musi mu Bisirayeli? Non’ ubu na ho simmaze kumenya ko nd’ umwami w’Abisirayeli?


Maz’ umwami abarira abantu biwe, at’ Aho ntimuzi yuk’ uyu musi hapfuye uwo mu nda y’ingoma kandi w’agahambaye?


Uhoraho aza kuba amushubije ku mutwe amaraso ya ba bantu babiri yatsindaho, akabicisha inkota, data Dawidi atabizi, kand’ ar’ abantu bamurusha kugororoka no gutungana, ni bo Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo z’Abisirayeli, na Amasa mwene Yeteri, umugabisha w’ingabo z’Abayuda.


Ariko rero wewe ntuz’ ugende utamuhannye; kuk’ ur’ umunyabgenge, uzomenya uk’ ukwiye kumugenza; uz’ utume amanuka mu mva imvi ziwe zirikw ibitenga vy’amaraso.


Dawidi aravuga, at’ Umwana wanje Salomo aracari muto, ntarakura, kand’ ingoro igiye kwubakirwa Uhoraho ikwiye kuba nziza y’agahore, ikavugangwa ikaba rurangiranwa mu bihugu vyose: ni co gituma nkwiye kwitegura ivyayo. Nuko Dawidi yitegura vyinshi cane ataratanga.


Maz’ umwami Dawidi abarira ikoraniro ryose, at’ Umuhungu wanje Salomo, ari we nyene Imana yatoranije, aracari muto, ntarakura, na co igikorwa ari kinini; kukw iyo ngoro itazoba iy’ abantu, arikw izoba iy’ Uhoraho Imana.


Maz’ abantu b’imburakimazi kandi b’inshirukanya bakoranira kuri we, baraheza binantaza kuri Rehobowamu mwene Salomo, igihe Rehobowamu yar’ akiri muto, akiri seniryo, adashobora kubahagarara imbere.


Uko bukeye nzohonnya abanyakibi bose bo mu gihugu, Kugira ngo ndandure inkozi z’ibibi zose, ndazimare ku murwa w’Uhoraho.


Ubahe ibikwiranye n’ivyo bākoze, ibikwiranye n’ivyo bāgabitanije, Ubahe ibikwiranye n’ibikorwa vy’amaboko yabo: Ubasubirize mu nkōko nk’ uko bibakwiye.


Kandi ni wewe Mwami, ufise imbabazi: Kuko wishura umuntu wese ibikwiranye n’ico yakoze.


Kugira nabi kwiwe kuzomugaruka ku mutwe, Umuryano wiwe uzogwa mu gahanga kiwe.


Kand’ amahembe yose y’ abanyakibi nzoyakōndōra; Arikw amahembe y’abagororotsi azoshirwa hejuru.


Ūkubise uwundi, agapfa, ntaz’ abure kwicwa.


Umwami avyagiye ku ntebe y’ imanza Agosōza ikibi cose inyonga ziwe.


Kūra abanyakibi imbere y’ umwami, Ni ho ingoma yiwe izohangama mu bugororotsi.


Umunyavyaha azobona ibara! Azomererwa nabi, kukw azogererwa ingero y’ivyo amaboko yiwe yakoze.


maz’ umubarire, uti Witonde, ureme; woye gutinya, kandi nturandurwe umutima n’ivyo bishirīra bibiri bifumba, bo n’uburake bg’inkazi bga Rezini n’Abasiriya n’ubga mwene Remaliya.


Nuk’ umwami Zedekiya at’ Eh’ ari mu maboko yanyu: kuko jewe umwami ntoshobora gukora ikintu na kimwe co kubabuza.


Nuk’ umwami apfa kubigera, bazana Daniyeli, bamuterera mu rwobo rw’intambge. Maz’ umwami abgira Daniyeli, at’ Imana yawe wama ukorera iragukiza.


Ariko ni mutākora murtyo, muzoba mucumuye k’Uhoraho; kandi mumenye neza yukw icaha canyu kizobahama.


Kukw ar’ umukozi w’Imana kubgawe, ngw akuzanire ivyiza. Ariko ni wakora nabi, ugire ubgoba, kukw atambarira inkota ubusa, kukw ar’ umukozi w’Imana, umuhōzi ashitsa uburake k’ūkora nabi.


Alekisandero umucuzi yangiriye inabi nyinshi. Umwami wacu azomwishura ibikwiranye n’ivyo yakoze.


kand’ Imana yatumye ibibi vyose ab’i Shekemu bākoze bibasubira ku mutwe, wa muvumo wa Yotamu mwene Yerubayali ubashikako.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ