36 Abantu bose babibonye birabanezera; mber’ ivy’ umwami yakora vyose vyagenda binezera abantu bose.
Bukeye haza intumwa kuri Dawidi, iravuga, it’ Imitima y’Abisirayeli yaroye kuri Abusalomu.
Uko ni ko Abusalomu yagenza Abisirayeli bose baza kwitwara ku mwami; nukw atwara imitima y’ Abisirayeli.
Hanyuma abantu bose baza kwinginga Dawidi ngw afūngure hakiri ku murango; ariko Dawidi ararahira, aravuga, ati Ni nagira ico ntamira izuba ritararenga, Imana iz’ ibimpanire, mbere birushirije!
Nuk’ uwo musi abantu bose n’Abisirayeli bose bamenya ko bitāvuye ku mwami kwica Abuneri mwene Neri.
N’ukuri abafafara ni nk’impwemu zihumetswe, kand’ abahambaye n’ibinyoma gusa: Ni bashirwa ku munzane, bazoteruka gusa; Bose hamwe bahwahutse kurusha impwemu zihumetswe.
Baratangara cane, baravuga, bat’ Akoze vyose neza: azibūra n’ibipfamatwi, kand’ avugisha ibiragi.