Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 3:35 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

35 Hanyuma abantu bose baza kwinginga Dawidi ngw afūngure hakiri ku murango; ariko Dawidi ararahira, aravuga, ati Ni nagira ico ntamira izuba ritararenga, Imana iz’ ibimpanire, mbere birushirije!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 3:35
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

baraboroga, bararira, birirwa ata co batamiye gushitsa ku mugoroba, kubga Sauli n’ umuhungu wiwe Yonatani, no kubg’ abantu b’Uhoraho, n’inzu ya Isirayeli, kuko bicishijwe inkota.


Abantu bakuru bo mu rugo rwiwe babibonye bamuhagarara i ruhande, ngo bamuvyure ave hasi, aranka, yanka no kuja aho bari ngw afūngure.


Amaboko yawe kw atar’ aboshwe, Cank’ ibirenge vyawe ngo bibe mu minyororo! Upfuye nk’umuntu aguye mu maboko y’inkozi z’ibibi! Nukw abantu bose bongera kumuririra.


Abantu bose babibonye birabanezera; mber’ ivy’ umwami yakora vyose vyagenda binezera abantu bose.


Imana iz’ ibimpanire, jewe Abuneri, mbere birushirije, ni ntagirira Dawidi nk’uk’ Uhoraho yamurahiye,


abahizi bose barahaguruka, bakūrah’ umuvyimba wa Sauli bo n’iy’ abahungu biwe, bayijana i Yabeshi, bahamba amagufa yabo musi y’igiti c’ umweloni i Yabeshi nyene, baca barisonzesha kumara imisi ndwi.


kandi nta bazosangira ibiryazagu vyabo; abābuze se canke nyina ntibazobazanira ikarabo ryo kubibagiza umubabaro.


Kuniha kwawe kuraba amapfiranda; ntuz’ ugandarire ūpfuye, wizingire igitambara cawe mu mutwe, wambare inkweto zawe, ntiwipfuke ku munwa, kandi nturye ibiryazagu.


Namwe muzogira nk’ uko mmeze: ntimuzoruha mwipfuka ku munwa, canke ngo murye ibiryazagu.


Maz’ Abisirayeli baradūga, baja kuririra imbere y’Uhoraho gushitsa ku mugorōba; babaza Uhoraho, bati Mbega dusubire kuja kurwana n’ab’ i wacu b’Ababenyamini? Uhoraho arabishura, at’ Ego me dūga mubatere.


Maz’ ingabo zose z’Abisirayeli n’abantu bose baradūga, baja i Beteli, bicara ngaho imbere y’ Uhoraho barira, bīrirwa bīsonzesheje kugeza ku mugorōba, batangira ngah’ imbere y’Uhoraho ibimazi vyo kwoswa n’ibimazi vy’ ishimwe.


ah’ uzogwa ni ho nzogwa, bahampambe: Uhoraho arakabimpanira, kandi birushirije, ni nagira ikizontandukanya nawe, atar’ urupfu.


Aramubaza, ati Bga bundi yakubariye iki? Ntugire ico umpisha. Ni wagira ico umpisha mu vyo yakubariye vyose, Imana ibiguhanire, mbere birushirije.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ