30 Uko ni ko Yowabu na Abishayi murumuna we bishe Abuneri, kuko yari yatsinze murumuna wabo mu ntambara y’i Gibeyoni.
Bashitse ku gitandara kinini c’i Gibeyoni, Amasa aza kubasanganira; kandi Yowabu yari yambaye imyambaro y’intambara, ayikenyeje umukanda urikw inkota iri mu rwubati, yenena kw itako ryiwe; yīgīye imbere, iruvamw’ irakoroka.
Umuntu arikw amaraso y’ uwundi Azokwama ahunga arinde ashika i kuzimu; ntihaze hagire ūmubuza.
Ūhōra uwishwe az’ abe ari we amwica ubgiwe: aho bazohūrira, amwice.
Abo badebaguzi babonye ico gikōko cenena ku kuboko kwiwe, baravugana, bat’ Uyu muntu ntabuze kuba umwicanyi; kandi naho yakize ikiyaga, Īdaca urwa nkunzi ntimukundiye kw abaho.