3 uwa kabiri ni Kileyabu, uwo yavyaye kuri Abigayili, yahora ari muka Nabali w’i Karumeli; uwa gatatu ni Abusalomu, uwo yavyaye kuri Mayaka, umukobga wa Talumayi umwami w’i Geshuri;
Kandi se nta ho yigeze amukankamira, ngw amubaze at’ Ivyo ukora ubiterwa n’iki? Kandi Adoniya yar’ umuntu mwiza w’ umunyakaranga, mu nda kwa se ni we yavutse inyuma ya Abusalomu.
Aba ni bo bana b’abahungu Dawidi yavyariye i Heburoni: uw’ imfura ni Amunoni, uwo yavyaye kuri Ahinowamu w’i Yezireli; uwa kabiri ni Daniyeli, uwo yavyaye kuri Abigayili w’i Karumeli;
(Yayiri umwuzukuruza wa Manase ni we yanesheje iyo ntāra yose yo muri Arugobu, ari ho i Bashani, gushitsa ku rubibe rw’Abageshuri n’ Abanyamayaka: ibisagara vyaho avyitiranya n’izina ryiwe, avyita Havoti‐yayiri, nk’uko bicitwa na bugingo n’ubu.)
Bukeye Dawidi n’ingabo ziwe baradūga, batera Abageshuri n’ Abagiruzi n’Abamaleki; abo ni bo bār’ inyamo z’ico gihugu uhereye kera, kurinda ushika i Shura n’ igihugu ca Egiputa.