Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 3:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 uwa kabiri ni Kileyabu, uwo yavyaye kuri Abigayili, yahora ari muka Nabali w’i Karumeli; uwa gatatu ni Abusalomu, uwo yavyaye kuri Mayaka, umukobga wa Talumayi umwami w’i Geshuri;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 3:3
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma y’ivyo ivyābaye n’ibi: Abusalomu mwene Dawidi yar’ afise mushiki we mwiza w’umunyakaranga, yitwa Tamari. Bukeye Amunoni mwene Dawidi nyene aramugomwa.


Nuko Yowabu arahaguruka, aja i Geshuri, agarukana Abusalomu i Yerusalemu.


Maz’ umwami aravuga, ati N’asubire mu rugo rwiwe; ariko ntazonkubita ijisho. Nuko Abusalomu asubira mu rugo rwiwe, ariko nta ho yabonana n’umwami.


Abusalomu yishura Yowabu, ati N’uko nagutumyeko ng’uze hano ngutume ku mwami, ukanka; kwar’ ukugira ng’umumbarize icanzanye nkava i Geshuri; ut’ Iciza kwar’ uko yopfumye agumayo: none rero ndagomba kurenguka imbere y’umwami; kandi namba har’ ibigabitanyo mfise, apfume anyica.


Hashize imyaka ine, Abusalomu abarira umwami, ati Ndasavye unyemerere nje i Heburoni, gushitsa isezerano nasezeraniye Uhoraho.


Kuko nasezeranye isezerano, jewe umusavyi wawe, igihe naba i Geshuri muri Siriya, nt’ Uhoraho ni yaramuka anshubije i Yerusalemu, nzomusaba.


Umwami avyumvise, inkonko irakoroka, yūrira mu cumba cubatswe hejuru kw irembo, arira; akirikw aragenda aravuga, ati Yō! Mwananje Abusalomu! Es’ umwananje! Ewe mwananje Abusalomu! Iyo mpfuma ari jewe mpfa mu gishingo cawe, ewe Abusalomu mwana wanje, mwana wanje we!


Nuko Dawidi adūganayo n’abagore biwe bompi, Ahinowamu w’i Yezireli, na Abigayili yahora ari muka Nabali w’i Karumeli.


Kandi se nta ho yigeze amukankamira, ngw amubaze at’ Ivyo ukora ubiterwa n’iki? Kandi Adoniya yar’ umuntu mwiza w’ umunyakaranga, mu nda kwa se ni we yavutse inyuma ya Abusalomu.


Aramubarira, at’ Urazi yukw ingoma yar’ iyanje, kukw Abisirayeli bose bari bampanze amaso, ngo ni jewe nzoba umwami. Ariko hanyuma ingoma irahinduka, iba iya murumunanje, kuk’ Uhoraho ari we yayimuhaye.


Aba ni bo bana b’abahungu Dawidi yavyariye i Heburoni: uw’ imfura ni Amunoni, uwo yavyaye kuri Ahinowamu w’i Yezireli; uwa kabiri ni Daniyeli, uwo yavyaye kuri Abigayili w’i Karumeli;


uwa gatatu ni Abusalomu, uwo yavyaye kuri Mayaka, umukobga wa Talumayi umwami w’i Geshuri; uwa kane ni Adoniya, uwo yavyaye kuri Hagita;


(Yayiri umwuzukuruza wa Manase ni we yanesheje iyo ntāra yose yo muri Arugobu, ari ho i Bashani, gushitsa ku rubibe rw’Abageshuri n’ Abanyamayaka: ibisagara vyaho avyitiranya n’izina ryiwe, avyita Havoti‐yayiri, nk’uko bicitwa na bugingo n’ubu.)


Yamar’ Abisirayeli bo ntibirukanye Abageshuri cank’ Abanyamayaka; arikw Abageshuri n’Abanyamayaka baciye babana n’Abisirayeli kugeza na bugingo n’ubu.


Uwo muntu yitwa Nabali, umugore wiwe yitwa Abigayili; uwo mugore yar’ umunyabgenge, kandi yar’ umunyakaranga, arik’ umugabo wiwe yar’ umuntu w’ikigoryi kandi w’imico mibi; yar’ uwo mu muryango wa Kalebu.


Nuko Abigayili agira n’ingoga arahaguruka, aja ku ndogoba, ari kumwe n’abigeme batanu bamucorekeye; akurikira izo ntumwa za Dawidi, aba umugore wiwe.


Bukeye Dawidi n’ingabo ziwe baradūga, batera Abageshuri n’ Abagiruzi n’Abamaleki; abo ni bo bār’ inyamo z’ico gihugu uhereye kera, kurinda ushika i Shura n’ igihugu ca Egiputa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ