Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 3:28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Hanyuma Dawidi avyumvise, aravuga, ati Twe n’igihugu canje turacuna imbere y’Uhoraho kur’ ayo maraso ya Abuneri mwene Neri gushitsa ibihe vyose;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 3:28
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na we aramubaza, at’ Ico wakoze ico n’igiki? Ijwi ry’amaraso ya murumunawe ririko rirantakambirira kw isi.


Ūzovisha amaraso y’ umuntu, n’ayiwe azovishwa n’abandi: kuk’ umuntu namuremye mw ishusho yanje, jewe Imana.


Dawidi aramubarira, at’ Amaraso yawe abe ari wewe aja ku mutwe, kukw akanwa kawe ari ko kakubereye icagirizi, nk’uko wivugiye ko wishe uwo Uhoraho yimikishije amavuta.


Uhoraho agushubije ku mutwe amaraso yose y’ab’ inzu ya Sauli, uwo wishize mu gishingo ciwe, ukīyimika; non’ Uhoraho agabiye Abusalomu umuhungu wawe ubgo bgami; awa! Ubuyobe bgawe buragukoze, kuk’ ur’ umwicanyi!


Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.


arikw arasubira ku mutwe wa Yowabu no ku b’inzu ya se bose; mu nzu ya Yowabu ntihakabure umunyagisokoro, cank’ umunyamibembe, cank’ ūgendera ku kibando, cank’ uwicwa n’inkota, cank’ ūtagira ico ashira ku munwa.


Ūkubise uwundi, agapfa, ntaz’ abure kwicwa.


Nuko ntimuze muhumanye igihugu murimwo; kukw amaraso ari yo ahumanya igihugu; kandi nta mpongano yaco yo kugihongera kubg’ ayo maraso yakiviriyemwo, atar’ amaraso y’uwayavishije.


Maze Pilato abonye kw arushwa n’ubusa, ariko ko barushirije kuvyura umugūmūko, yābīra amazi akarabira imbere y’ishengero, ati Jeho ndacuna kubg’ amaraso y’uyu mugororotsi: n’ivyanyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ