Dawidi aramubarira, at’ Amaraso yawe abe ari wewe aja ku mutwe, kukw akanwa kawe ari ko kakubereye icagirizi, nk’uko wivugiye ko wishe uwo Uhoraho yimikishije amavuta.
Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.
arikw arasubira ku mutwe wa Yowabu no ku b’inzu ya se bose; mu nzu ya Yowabu ntihakabure umunyagisokoro, cank’ umunyamibembe, cank’ ūgendera ku kibando, cank’ uwicwa n’inkota, cank’ ūtagira ico ashira ku munwa.