2 Samweli 3:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)27 Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ikindi, urazi ivyo Yowabu umwana wa Seruwiya yangiriye, n’ivyo yagiriye ba bagabisha bompi b’ingabo z’Abisirayeli, Abuneri mwene Neri na Amasa mwene Yeteri, abo yishe, amaraso yaviriye mu ntambara akayahōra mu gihe c’impore, akīyandurisha amaraso y’abatācumuye, akamutarukira ku mukanda no ku nkweto.