Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 3:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 3:27
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Abusalomu aramubarira, ati None rero k’utaje, urungike mukurwanje Amunoni, aze tujane. Umwami aramubaza, at’ Ugombera iki ko mujana?


Uti Kandi mumubarize na Amasa, muti Mbega nawe ntimur’ akara kamwe n’amaraso amwe? Mut’ Imana ize ibimuhanire, kandi birushirije, n’atākugira umugabisha w’ingabo ziwe na ntaryo mu gishingo ca Yowabu.


Nuko Yowabu, amaze kwikebanura Dawidi, akurikiza intumwa Abuneri; zimugarurira kw iriba ry’i Sira; ariko Dawidi ntiyabimenya.


Hanyuma Dawidi avyumvise, aravuga, ati Twe n’igihugu canje turacuna imbere y’Uhoraho kur’ ayo maraso ya Abuneri mwene Neri gushitsa ibihe vyose;


Bukeye Ishibosheti mwene Sauli yumvise ko Abuneri yaguye i Heburoni, arajonjogora, Abisirayeli bose bahagarika imitima.


Uhoraho aza kuba amushubije ku mutwe amaraso ya ba bantu babiri yatsindaho, akabicisha inkota, data Dawidi atabizi, kand’ ar’ abantu bamurusha kugororoka no gutungana, ni bo Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo z’Abisirayeli, na Amasa mwene Yeteri, umugabisha w’ingabo z’Abayuda.


Ikindi, urazi ivyo Yowabu umwana wa Seruwiya yangiriye, n’ivyo yagiriye ba bagabisha bompi b’ingabo z’Abisirayeli, Abuneri mwene Neri na Amasa mwene Yeteri, abo yishe, amaraso yaviriye mu ntambara akayahōra mu gihe c’impore, akīyandurisha amaraso y’abatācumuye, akamutarukira ku mukanda no ku nkweto.


mu gihimba kindi c’umuryango wa Manase nyene, kiba i Gileyadi, yari Ido mwene Zekariya; mu ba Benyamini yari Yasiyeli mwene Abuneri;


Nah’ inzigo yiwe yokwipfukapfukisha ubugunge, Ukugabitanya kwiwe kuzokwerekanirwa imbere y’ ishengero.


Maze Ishimayeli mwene Netaniya avana hasi n’abo bagabo cumi bāri kumwe na we, bacumita inkota Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, baramwica, kand’ ari we umwami w’i Babuloni yashizeho kuganza igihugu.


Ūhōra uwishwe az’ abe ari we amwica ubgiwe: aho bazohūrira, amwice.


Canke ni yaba yamucuranguje kubg’ urwanko, cank’ akamutera ikintu yamuryamiye, akagwaho;


Abalewi bat’ Azoba avumwe, uwica mugenzi we mu mpisho. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ