26 Nuko Yowabu, amaze kwikebanura Dawidi, akurikiza intumwa Abuneri; zimugarurira kw iriba ry’i Sira; ariko Dawidi ntiyabimenya.
Aho ntuzi yuko Abuneri mwene Neri yazanywe no kuguhenda, ngw amenye ingen’ utabara n’ ingen’ utabaruka, amenye n’ivy’ ukora vyose?
Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.