Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 3:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Aho ntuzi yuko Abuneri mwene Neri yazanywe no kuguhenda, ngw amenye ingen’ utabara n’ ingen’ utabaruka, amenye n’ivy’ ukora vyose?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 3:25
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arabishura, ati Na mba! Kurāba ah’ igihugu coroshe ni co kibazanye.


Ni mutume umwe muri mwebge, agende azane murumuna wanyu, namwe musigare mur’ imbohe, kugira ngw amagambo yanyu aseruke kw ar’ay’ ukuri: biramutse bitabaye birtyo, muzoba mur’ abatasi, ndabarahiye Farawo!


Maze Yosefu yibuka za nzozi yarose kuri bo, arababarira, ati Mur’ abatasi! Muje kurāba ah’ igihugu coroshe!


Arikw abaganwa b’Abamoni babarira umwami wabo Hanuni, bati Mbeg’ ugira ngo Dawidi icamuteye kurungika abo kukugarukirako n’uko yari yubashe so? Ntuzi kw abo bantu yabarungitse gukenguza iki gisagara no kugitata, ngw abone kukigeseza?


Maze Yowabu aragenda abaza umwami, ati Wakoze ibiki? Abuneri ngo yamanye nawe, uraheza uramureka arīgīra?


Nuko Yowabu, amaze kwikebanura Dawidi, akurikiza intumwa Abuneri; zimugarurira kw iriba ry’i Sira; ariko Dawidi ntiyabimenya.


Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.


ngo Gushitsa igihe azozira akabajana mu gihugu gihwanye n’icanyu, igihugu c’ ingano na vino, igihugu c’indya n’inzabibu, igihugu c’amavuta ya clayo n’ubūki, kugira ngo mubone kubaho, ntimupfe; kandi ntimuze mwumvire Hezekiya ni yabahenda, avuga ng’ Uhoraho azobakiza.


Uhoraho azokuzigama mu maja no mu maza, Uhereye none, ugashitsa ibihe bidashira.


Ariko ndazi imyicarire yawe, n’ amaja n’amaza yawe, n’ingene wanshangashiriwe.


wo kubaja imbere amaja n’ amaza, abaturutsa akabacūra: kugira ngw ishengero ryawe, Uhoraho, ryoye kumera nk’intama zitagira umwungere.


Haba ivyongoshwe vyinshi mw ishengero bamuvuga: bamwe bati N’umuntu mwiza, abandi bat’ Oya, arazimiza abantu.


Abafarisayo barababaza, bati Mbega namwe mwajimijwe?


Ni co gituma utagira ico wireguza, wewe muntu wese uhinyura uwundi. K’uhinyura uwundi, uba witsindishije; kuko wewe umuhinyura ukora bimwe n’ivy’ akora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ