19 Abuneri abibarira n’ Ababenyamini na bo. Bukeye aja i Heburoni, kugira ngo yīgānire Dawidi ivyo Abisirayeli n’ab’ umuryango w’Ababenyamini bose bamaramaje gukora vyose.
Nukw ashitse i Heburoni kwa Dawidi, ari kumwe n’abantu mirongwibiri, Dawidi amurondereza amazimano bo n’abari kumwe na we.
Abo mu Babenyamini b’i wabo wa Sauli bār’ ibihumbi bitatu; kuko gushitsa ico gihe abenshi muri bo bāri bagiherereye ku nzu ya Sauli.
Abo mu Befurayimu bār’ ibihumbi mirongwibiri n’amajana munani, abantu b’abahizi, ba rurangiranwa mu mazu ya ba sekuruza.
Nguriya umuryango wa Benyamini umuhererezi, ni wo ubagaba, Bo n’abaganwa b’aba Yuda n’ingabo zabo, N’abaganwa b’aba Zebuloni, n’abaganwa b’aba Nafutali.