15 Nuko Ishibosheti aratuma, bamukūra kwa Palutiyeli mwene Layishi umugabo wiwe.
Kandi Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo za Sauli, yari yarajanye Ishibosheti mwene Sauli, aramujabutsa amujana i Mahanayimu.
Maze Dawidi atuma intumwa kuri Ishibosheti mwene Sauli, muti Muhe umugore wiwe Mikali, uwo yakoye ubugabo ijana yashahuye Abafilisitiya.
Maz’ uwo mugabo wiwe aramuherekeza, agenda ararira inzira yose, arinda amushikana i Bahurimu. Ashitseyo, Abuneri aramubarira, ati Hogi subira inyuma; nukw aca asubira inyuma.
mu muryango w’ Abisakari umukuru az’ abe Palutiyeli mwene Azani;
Kandi Mikali, wa mukobga wa Sauli yari muka Dawidi, Sauli yari yaramuhaye Paliti mwene Layishi w’i Galimu.