14 Maze Dawidi atuma intumwa kuri Ishibosheti mwene Sauli, muti Muhe umugore wiwe Mikali, uwo yakoye ubugabo ijana yashahuye Abafilisitiya.
Kandi Ishibosheti mwene Sauli, igihe yima ngw abe umwami w’ Abisirayeli, yar’ amaze imyaka mirongwine; amara imyaka ibiri ari ku ngoma. Arikw ab’ umuryango w’Abayuda bo, bākondoreye inyuma ya Dawidi.
Nuko Ishibosheti aratuma, bamukūra kwa Palutiyeli mwene Layishi umugabo wiwe.
Maz’ isandugu y’Uhoraho igitamaje ku murwa wa Dawidi, Mikali umukobga wa Sauli arungurukira mw idirisha, abona umwami Dawidi yitera hejuru, yiyerekera imbere y’Uhoraho; amugayira mu mutima.
Ukuvuka kwa Yesu Kristo kwabaye gurtya: nyina Mariya yar’ akowe na Yosefu ataramurongora bamubona afise inda yavuye kuri Mpwemu Yera.
Maze Sauli arababarira, ati Muze mubarire Dawidi, muti Ntagomba inkwano; mut’ Ico agomba n’ubugabo ijana uzoshāhura Abafilisitiya, kugira ngo yīhōre abansi biwe. Ariko Sauli yagira ngw akororere Dawidi mu maboko y’Abafilisitiya.
Igihe gishinzwe kitaragera, Dawidi ahagurukana n’ingabo ziwe, yica mu Bafilisitiya abagabo amajana abiri; nuko Dawidi atabarukana ubugabo bgabo, babushikiriza umwami ukw igitigiri cabgo kingana, kugira ngo Dawidi abone kuba umukwe w’umwami. Nuko Sauli amushingira umukobga wiwe Mikali.
Kandi Mikali, wa mukobga wa Sauli yari muka Dawidi, Sauli yari yaramuhaye Paliti mwene Layishi w’i Galimu.