13 Dawidi arishura, ati Ni vyiza; mut’ Azosezerana nawe; muti Mugabo hariho kimwe akugombako, mut’ Utazanye Mikali mwene Sauli, ah’ uzozira ngo mubonane, muti Ntuzomukubita ijisho.
Yuda aramwishura, ati Wa mugabo yararenzwe, avuga ko tutazomugaruka mu maso tutajanye na murumuna wacu.
Nawe uratubgira, twebge abasavyi bawe, ut’ Umuhererezi wanyu ni mutamumanukana, ntimuzosubira kungaruka mu maso.
turamuhakanira, tuti Ntidushobora kumanuka; arik’ umuhererezi wacu ni twajana, turamanuka: kuko bidashoboka guseruka uwo muntu mu maso, umuhererezi wacu tutari kumwe.
Bukeye Abuneri atuma intumwa kuri Dawidi, muti Nyene kirya gihugu ni nde? Muti N’ usezerane isezerano na we, muti Kand’ azofatanya nawe kukurehereza Abisirayeli bose.
Maz’ iyo sandugu y’isezerano ry’Uhoraho igitamaje ku murwa wa Dawidi, Mikali umukobga wa Sauli arungurukira mw idirisha, abona umwami Dawidi yiyereka yiginagura; amugayira mu mutima.