12 Bukeye Abuneri atuma intumwa kuri Dawidi, muti Nyene kirya gihugu ni nde? Muti N’ usezerane isezerano na we, muti Kand’ azofatanya nawe kukurehereza Abisirayeli bose.
Nuk’ umwami agonda imitima y’Abayuda bose nk’ uw’ umuntu umwe; baca bamutumako ngw agaruke bo n’abantu biwe bose.
Bukeye Abisirayeli bose bashengerera umwami Dawidi, baramubaza, bati Mugenzi, n’iki gitumye bene wacu b’Abayuda bakuzana nk’abakutwiba, bakakujabutsa Yorodani bo n’abo mu rugo rwawe n’ingabo zawe zose?
kuk’ ukunze abakwanse, ukanka abagukunda; ereg’ uyu musi werekanye yukw abagabisha n’abasavyi ari nk’ ubusa kuri wewe; ubu ndamenye yuko Abusalomu iyaba akiriho, tukaba ari twebge twapfuye twese uyu musi, ni vyo uba washimye.
Maze Ishibosheti ntiyaronka irindi na rimwe yishura Abuneri, kuko yamutinya.
Dawidi arishura, ati Ni vyiza; mut’ Azosezerana nawe; muti Mugabo hariho kimwe akugombako, mut’ Utazanye Mikali mwene Sauli, ah’ uzozira ngo mubonane, muti Ntuzomukubita ijisho.
Maze Abuneri abarira Dawidi, ati Hinge ngende, ngagamure Abisirayeli bose baze ah’ uri, mwami wanje nyen’ ingoma, kugira ngo basezerane nawe, ubone kubaganza bose nk’uk’ ugomba. Nuko Dawidi arekura Abuneri, agenda amahoro.
Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.
Maz’ umwami abarira abantu biwe, at’ Aho ntimuzi yuk’ uyu musi hapfuye uwo mu nda y’ingoma kandi w’agahambaye?
N’ukuri abafafara ni nk’impwemu zihumetswe, kand’ abahambaye n’ibinyoma gusa: Ni bashirwa ku munzane, bazoteruka gusa; Bose hamwe bahwahutse kurusha impwemu zihumetswe.