Ariko jewe inama yanje, koranya Abisirayeli bose, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, bangane n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga, kandi nawe ubgawe uz’ ujane na bo mu ntambara.
Umwami abarira Yowabu umugabisha w’ingabo ziwe yari kuri we, ati Nyuragira mu miryango yose y’ Abisirayeli, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, muharūre abantu, kugira ngo mmenye igitigiri cabo.
nukw Abayuda n’Abisirayeli bībēra amahoro, umuntu wese mu mizabibu yiwe no mu misukoni yiwe, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, igihe cose Salomo yari ku ngoma.