1 Nuko haba intambara kumara igihe kirekire hagati y’ab’ inzu ya Sauli n’ab’ iya Dawidi; Dawidi agenda arushiriza kuba agahambaye, arikw ab’ inzu ya Sauli bo bagenda bashira inkomezi.
Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.
Uwo musi haca haba intambara ihambaye cane; Abuneri n’Abisirayeli baraneshwa, bahunga abantu ba Dawidi.
Nuko Yowabu aca avuza inzamba, abantu bose barahagarara, ntibakomeza gukurikirana Abisirayeli canke kubarwanya ukundi.
Wankijije indwano z’abantu banje, Waranzigamye ngo nganze amahanga; Ihanga ntigeze kumenya ryaransavye.
Ico gihe c’intambara y’ab’ inzu ya Sauli n’ab’ iya Dawidi, Abuneri yari yīgize agakomeye mu rugo rwa Sauli.
Nuko Dawidi arushiriza kuba agahambaye, kuk’ Uhoraho Imana Nyen’ ingabo yari kumwe na we.
Kandi hāmah’ intambara hagati ya Rehobowamu na Yerobowamu na ntaryo.
Kandi hāmah’ intambara hagati ya Asa na Bayasha umwami w’Abisirayeli igihe cabo cose.
Nuko Dawidi arushiriza kuba agahambaye, kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yari kumwe na we.
Aba ni bo bana b’abahungu Dawidi yavyariye i Heburoni: uw’ imfura ni Amunoni, uwo yavyaye kuri Ahinowamu w’i Yezireli; uwa kabiri ni Daniyeli, uwo yavyaye kuri Abigayili w’i Karumeli;
Maze yigānira Zereshi umugore wiwe n’abagenzi biwe bose, ivyamubayeko vyose. Nukw abahanuzi biwe na Zereshi umugore wiwe baramubarira, bati Moridekayi uwo, k’utanguye gucurangurizwa imbere yiwe, asangw’ ar’ uwo mu ruvyaro rw’ Abayuda, ntuzomushobora, arik’ uzocurangurizwa imbere yiwe nta kabuza!
Moridekayi uwo yar’ agahambaye mu rugo rw’umwami, kandi yari rurangiranwa mu bihugu vyose: kuk’ uwo mugabo Moridekayi yarushiriza kuba agahambaye.
Arik’ umugororotsi azokomerera mu nzira yiwe, N’ūfise amaboko yiziguye azokwama yunguka inkomezi.
Kandi nah’ itangura ryawe ryari ritoya, Arikw amaherezo yawe wokwunguka cane.
Wankijije indwano z’abantu, Wangize ūganza amahanga, Ihanga ntigeze kumenya ryaransavye.
Aca intambara gushitsa ku mpera y’isi, Avunagura imiheto, amacumu arayacagagura, Imikogote ikwegwa n’amafarasi ayiturira mu muriro.
Bagenda bunguka inkomezi, Umuntu wese wo muri bo aseruka imbere y’Imana i Siyoni.
Kukw akameremere kifuza ivyo Mpwemu yanka, kandi Mpwemu yifuza ivy’ akameremere kanka: kukw ivyo bihiganwa, ngo ntimukore ivyo mugomba.
Kukw abo tunigana atar’ ab’ inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru.
Mbona ifarasi y’igitare, kand’ ūyicayeko yar’ afise umuheto, ahabga igitsibo, agenda anesha, kandi ngo yame anesha.