Umwami abarira Yowabu umugabisha w’ingabo ziwe yari kuri we, ati Nyuragira mu miryango yose y’ Abisirayeli, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, muharūre abantu, kugira ngo mmenye igitigiri cabo.
atuma no ku Banyakanani b’i burasirazuba n’ab’i burengerazuba, no ku Bamori no ku Baheti no ku Baferizi no ku Bayebusi bo mu mugamba, no ku Bahiwi bo musi ya Herumoni mu gihugu c’i Misipa.
maz’ urwo rubibe rugakevya rugaca i Rama, rugashika no ku gisagara c’i Tiro kizitijwe uruzitiro rw’amabuye; rugaheza rugakebereza i Hosa, rukagarukira ku kiyaga. Batwara na Mahalabu na Akizibu,
Hār’ abaganwa batanu b’Abafilisitiya, n’Abanyakanani bose, n’Abasidoni, n’Abahiwi bo ku musozi Lebanoni, uhereye ku musozi Bayali‐Herumoni ugashitsa ahafata i Hamati.