Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 24:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 baca kw iboma ry’i Tiro no mu bisagara vyose vy’Abahiwi n’ivy’ Abanyakanani, bagarukira i Beri‐sheba i bumanuko bg’i Buyuda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 24:7
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwami abarira Yowabu umugabisha w’ingabo ziwe yari kuri we, ati Nyuragira mu miryango yose y’ Abisirayeli, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, muharūre abantu, kugira ngo mmenye igitigiri cabo.


Nuko barangije kugendura igihugu cose basubira i Yerusalemu, bamaze amezi cenda n’imisi mirongwibiri.


I Tiro biyubakiye igihome, bīrundira amafeza nk’umukungugu, bo n’amazahabu y’indobanurwa nk’ivyondo vyo mu nzira.


atuma no ku Banyakanani b’i burasirazuba n’ab’i burengerazuba, no ku Bamori no ku Baheti no ku Baferizi no ku Bayebusi bo mu mugamba, no ku Bahiwi bo musi ya Herumoni mu gihugu c’i Misipa.


n’i Eburoni n’i Rehoba n’i Hamoni n’i Kana, gushika no kuri ca gisagara kinini Sidoni;


maz’ urwo rubibe rugakevya rugaca i Rama, rugashika no ku gisagara c’i Tiro kizitijwe uruzitiro rw’amabuye; rugaheza rugakebereza i Hosa, rukagarukira ku kiyaga. Batwara na Mahalabu na Akizibu,


Maz’ abami bose bo hakuno ya Yorodani, bo mu mugamba waho, n’abo mu misozi iciye bugufi, n’abo ku kiyaga kinini, aharābana n’i Lebanoni, Abaheti n’ Abamori n’Abanyakanani n’Abaferizi n’Abahiwi n’Abayebusi bavyumvise,


Maz’ Abisirayeli bishura abo Bahiwi, bati Kumbure mur’ abo tubana: none twohava tugasezerana namwe dute?


Hār’ abaganwa batanu b’Abafilisitiya, n’Abanyakanani bose, n’Abasidoni, n’Abahiwi bo ku musozi Lebanoni, uhereye ku musozi Bayali‐Herumoni ugashitsa ahafata i Hamati.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ