6 Maze baja i Gileyadi no mu gihugu c’i Tahatimu‐hodishi, baja n’i Dani‐yani, barazenguka baja i Sidoni,
Kanani yavyaye imfura yiwe Sidoni, akurikizako Heti:
Nukw acikana ivyo yar’ afise vyose; arīkora, ajabuka uruzi, agenda atumbereye umusozi w’i Gileyadi.
Abareyubeni n’Abagadi bari bafise ibitayega vy’isinzi. Babonye igihugu c’i Yazeri n’ic’i Gileyadi kw ar’ ahantu h’amaragiro meza,
Aba Makiri mwene Manase baja i Gileyadi, barahatsinda, birukana Abamori bāhaba.
Uhoraho abagabura mu maboko y’Abisirayeli, barabanesha, barabakinagiza, babashitsa ku gisagara kinini Sidoni n’i Misirefoti‐mayimu no mu kiyaya c’i Misipe ahahera i burasirazuba; barabica ntibasiga n’uwa kirazira.
n’i Eburoni n’i Rehoba n’i Hamoni n’i Kana, gushika no kuri ca gisagara kinini Sidoni;
Maz’ igihugu c’Abadani kibāgiye, baradūga, batera i Leshemu, barahatsinda, baharanduza inkota, baca barahegukira, barahaba; maze Leshemu bahīta Dani, bahītiranije na sekuruza wabo Dani nyene.
N’Abasheri na bo ntibirukanye ababa ahitwa Ako, cank’ ababa i Sidoni, cank’ ab’i Ahulaba, cank’ ab’i Akuziba, cank’ ab’i Heliba, cank’ ab’i Afeka, cank’ ab’i Rehobu;