4 Arikw ijambo ry’umwami rinesha irya Yowabu n’iry’ abagabisha b’ingabo. Nuko Yowabu n’abo bagabisha bava imbere y’umwami, baja guharūra Abisirayeli.
Yowabu yishura umwami, at’ Uhoraho Imana yawe n’igwiririkanye abantu, barute uko bari basanzwe bangana ibihetangabo ijana, nawe uz’ uvyibonere mugenzi; ariko mbega n’iki kiguteye gushira umutima ku kintu nk’ico ga mwami wanje nyen’ ingoma?
Bajabuka Yorodani, bahēra i Aroweri, no ku gisagara kiri hagati mu kiyaya, bagenda berekeye i Gadi kurinda bashika i Yazeri.
Arikw ijambo ry’umwami rinesha irya Yowabu. Nuko Yowabu aragenda, anyuragira mu Bgisirayeli hose, araheza agaruka i Yerusalemu.
Arikw abo bākirizi bubaha Imana, ntibagira nk’uk’ umwami wa Egiputa yabageze, bareka n’ abana b’abahungu.
ati Ni waharūra igitigiri c’Abisirayeli, abaharūwe uko bangana, umuntu wese muri bo az’ ampe incungu y’ubugingo bgiwe mu gihe ubaharūra, kugira ngw ikīza ntikibatēre igihe ubaharūra.
Kukw ijambo ry’umwami riri n’ububasha; kandi ni nde yomubaza, at’ Ico ukora n’igiki?
Maze Petero n’intumwa barabishura, bat’ Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.