Maze Nowa yubakira Uhoraho igicaniro, yābīra mu bitungano vyose no mu bikōko vyose bitazira, no mu biguruka vyose bitazira, abitangira kur’ ico gicaniro kw ibimazi vyo kwoswa.
Nuko bahamba ayo magufa ya Sauli na Yonatani umuhungu wiwe i Sela mu gihugu c’Ababenyamini, mu mva ya Kishi se wa Sauli; nuko bashitsa ivy’ umwami yababariye vyose. Hanyuma y’ivyo Imana ibona guhangaza ico gihugu.
Dawidi yishura Gadi, ati Ndagowe rwose: ni dupfume dukorokera mu maboko y’Uhoraho, kukw imbabazi ziwe ari nyinshi; ariko noye gukorokera mu maboko y’abantu.