23 ivyo vyose jewe Arawuna ndabiguhaye, mugenzi. Arawuna arongera abarira umwami, at’ Uhoraho Imana yawe ikwākīrire.
Mu gishingo ca ba sogokuruza bawe kizosubiramw’ abana bawe, Ni bo uzoshiraho kuba abaganwa mu gihugu cose.
Arik’ umunyabuntu imigabo yiwe n’ukugira ubuntu, kand’ ukwo kugira ubuntu azogushishikara.
Imikuku yose y’i Kedari izokoranirizwa kuri wewe, amapfizi y’intama y’i Nebayoti azogukorera; azokwūrira igicaniro canje yemerwe, nzokwubahiriza inzu yanje y’icubahiro.
Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.
mwubakwe nk’amabuye afise ubugingo, kugira ngo mube inzu yo mu buryo bg’impwemu, mugire ibango ry’ubuherezi ryera, ngo mutange ibimazi mu buryo bg’impwemu, bishimwa n’Imana kubga Yesu Kristo.