Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 24:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Umwami abarira Yowabu umugabisha w’ingabo ziwe yari kuri we, ati Nyuragira mu miryango yose y’ Abisirayeli, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, muharūre abantu, kugira ngo mmenye igitigiri cabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 24:2
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aburahamu akoroka kare, yābīra impamba n’ umukuza w’urusato wuzuye amazi, abitekerera Hagari, abishira ku rutugu rwiwe, amuha n’uwo mwana, aramwirukana; aragenda, azimagirika mu bugaragwa bg’i Beri‐sheba.


Ariko jewe inama yanje, koranya Abisirayeli bose, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, bangane n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga, kandi nawe ubgawe uz’ ujane na bo mu ntambara.


Yowabu umwana wa Seruwiya na we, n’abantu ba Dawidi, baragenda bahūrira na bo ku kidengeri c’i Gibeyoni; nuko baricara, bamwe hakurya y’ ico kidengeri, abandi hakuno.


Kandi Yowabu yar’ umugabisha w’ingabo zose z’Abisirayeli; Benaya mwene Yehoyada ni we yagabisha Abakereti n’Abapeleti;


na Seleki w’Umwamoni, na Naharayi w’i Beroti, ari we yatwaza Yowabu umwana wa Seruwiya ibirwanishwa;


Nuk’ Uhoraho atērēra Abisirayeli ikīza, gihēra mu gitondo gishitsa igihe cāshinzwe; uhereye i Dani ugashika i Beri‐sheba, hapfa abagabo ibihumbi mirongwirindwi.


ngakūra ingoma mu nzu ya Sauli, nkayegurira Dawidi, ngatuma ingoma yiwe ihangama mu Bisirayeli no mu Bayuda, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba.


Kandi Yowabu umwana wa Seruwiya ni we yar’ umugabisha w’ingabo, Yehoshafati mwene Ahiludi ni we yar’ umwanditsi w’ivyaja biraba;


Maze Dawidi abarira Yowabu n’abagabisha b’ ingabo, ati Ni mugende muharūre Abisirayeli muhereye i Beri‐sheba mugashitsa i Dani, muheze mubingarukanire, kugira ngo mmenye igitigiri cabo.


Ariko ku vy’intumwa abaganwa b’i Babuloni bamutumyeko, ngo bamubaze igitangaza cabayeho mu gihugu ciwe, Imana iramureka ngw imugerageze, kugira ngw imenye ivyari mu mutima wiwe vyose.


Ubgibone bg’umuntu buzomusubiza hasi, Arik’ uw’ umutima uciye bugufi azoronka icubahiro.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Aravumwe umuntu yishimira abantu, akizigira inkomezi z’abari n’umubiri, umutima wiwe ukava k’Uhoraho.


Kandi kugira ngo noye guterwa kwishira hejuru birenze urugero, mbitewe n’uko nahishuriwe ibirushiriza kuba ibihambaye, ni co catumye mpabga igisata mu mubiri, intumwa ya Satani yo kunkubita ibipfunsi, ngo noye guterwa kwishira hejuru birenze urugero.


Maz’ Abisirayeli bose baragenda, bava mu gihugu cose uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, hamwe n’abo mu gihugu c’i Gileyadi, bakoranira i Misipa imbere y’Uhoraho, bahūje inama nk’umuntu umwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ