Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 24:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Dawidi abonye uwo mumarayika yageseza abantu, abarira Uhoraho, at’ Erega ni jewe nacumuye, ni jewe nakoze nabi; arikw izi ntama zo zakoze iki? Ndakwinginze, ukuboko kwawe abe ari jewe kurwanya, bo n’inzu ya data.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 24:17
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Aburahamu aramwegera, aramubaza, ati Mbega none worandurana abagororotsi n’abanyavyaha?


None rero ndakwinginze, ndasavye nsigare mu gishingo c’uyu muhungu, mbe umuja wawe, mugenzi; uyu muhungu atahane na bagenzi be.


Maze Dawidi yishura Natani, ati Nacumuye k’Uhoraho. Natani aramwishura, ati Noneho Uhoraho yagukūyekw icaha cawe, ntugipfuye.


Ariko Dawidi amaze guharūra abantu, yumva umutima umukubita. Abarira Uhoraho, ati Nācumuye cane ku vyo nakoze; ariko none, Uhoraho, ndakwinginze, kūrah’ ibigabitanyo vyanje, jewe umusavyi wawe, kuko nakoze ivy’ ubujuju rwose.


Nuko rero, ukw abe ari k’ubarira umusavyi wanje Dawidi, ut’ Uhoraho Nyen’ ingabo, uku ni kw agize, uti Yagukūye mu bgungere, inyuma y’intama, ng’ ube segaba w’abantu biwe b’Abisirayeli;


Aramwishura, ati Mbonye Abisirayeli bose basābagiye ku misozi nk’intama zitagira umwungere; kand’ Uhoraho agize ngo Bariya n’abatagira shebuja; ni basubire i wabo, umuntu wese yīgīre amahoro.


Ni co kinteye kwizinukwa, nkihana Nigaragura mu mukungugu no mu munyota.


Namba narakoze icaha, wewe nagutwaye iki ga Ngenzuzi y’abantu? N’iki gituma unshinga nk’ uruti rw’icumu utīmba, Bigatuma nirambirwa?


Nakwemereye icaha canje, sinatwikiriye ukugabitanya kwanje; Naravuze, nti Ndāturira Uhoraho ibicumuro vyanje: Nawe umparira ukugabitanya kw’icaha canje. Sela.


Wadutanze nk’intama z’imbāgwa, Wadushwiragirije mu mahanga.


Mana, n’iki catumye uduca tukaba ruhebga? N’iki gituma uburake bgawe bupfunduka nk’umwotsi, ubgo urakira intama zo mu canya cawe?


Imukūra mu gushorera intama zonsa, Kugira ngw aragire aba Yakobo abantu bayo, Abisirayeli ishamvu yayo.


Farawo ni kwo guhamagaza Mose na Aroni vuba; arababarira, ati Nacumuye k’Uhoraho Imana yanyu no kuri mwebge.


Maze ndavuga, nti Mbonye ibara, ndapfuye; kuko nd’ umunyaminwa yanduye, kandi mba hagati y’ubgoko bufise iminwa yanduye; kukw amaso yanje abonye Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo.


Arabishura, ati Ni munterure, munte mu kiyaga, ni ho ikiyaga cobabera agahwekere; kuko nzi yukw iki gihuhuta c’inkomezi kibahōra jewe.


Ikangure, wa nkota we, urwanye umwungere wanje, urwanye umuntu mugenzanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kubita umwungere, intama zisanzare; kandi n’imyagazi nzoyihindurirak’ ukuboko kwanje.


Baca barapfukama barūnama, bati Mana, yewe Mana y’impwemu z’abari n’umubiri bose, umuntu umwe akoze icaha, mbega woca urakira ishengero ryose?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ